• Home
  • ACTUALITÉS
  • N’ubu ibiziga vy'Abarundi birabandanya gutorwa hirya no hino ntihagire n'amatohoza yigera akorwa, ngo hamenyekane ikibagandagura

N’ubu ibiziga vy'Abarundi birabandanya gutorwa hirya no hino ntihagire n'amatohoza yigera akorwa, ngo hamenyekane ikibagandagura

Nkuko bimaze iminsi hibonekeza ibiziga hirya no hino mu gihugu, n’ejo hahise ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 12 Myandagaro 2023, hari ikindi kiziga c'umuntu w'umugabo catowe mu masaha y'agatondo ka kare aho cari kiryamye mu gafurege kahitwa ku Kanga muri Komine ya Ntahangwa, hafi y'ubunwero Dinelis.

Amakuru dukura mu banyagihugu babonye ico kiziga, bemeza ko uwo mugabo ashobora kuba yarafise imyaka iri hagati ya 40 na 45, ngo bikaba vyaboneka ko bene kumugandagura bamunize imbere y'uko baza kumuta aho mur'ako gafurege. Aho yararyamye uwo mugabo akaba ata kintu na kimwe yarafise kimuranga kiretse inoti y'ibihumbi bibiri bamusanganye mu mufuko, nkuko bimenyeshwa nabo bamwiboneye.

Ayo makuru nyene dufise akaba yemeza ko ico kiziga kitashotse kimenyekana umwidondoro, ariko hakaba hari abavuze ko uwo mugabo yitavye Imana bahora bamubona mur'ako gace ari mubakora akazi ko kwegeranya iyarara. Bikavurwa ko yahora aba muri Quartier Bukirasazi yiyo zone nyene ya Kinama. Ikiziga ciwe rero kikaba cahavuye gikurwa aho cari gica kijanwa mu buruhukiro bw'ibitaro vy’umwami Khaled.

Abanyagihugu b'aho ku kanga rero ubu agashavu kakaba kaniga kuko ata gikorwa na kimwe cerekeye amatohoza cigeze gitanguzwa  kugira hashobore kumenyekana abagandaguye uwo munyagihugu, bongere bakubitwe intahe mu gahanga.

Abo banyagihugu muri rusangi, batubwiyeko biyamirije bivuye inyuma ubwo bwicanyi bw'inzirakarengane budasiba kwibonekeza, bakongera bagasaba ko Abarundi botorindira kwicwa nk'uko biriko bigenda, bakabona ko nyabuna  bari bakwiye guhamvya abandi mubikorwa vyo kwikurako iyo ntwaro ya CNDD-FDD idasiba gusesa amaraso y'abarundi.

 

Inkuru yanditswe na King Blaise IRANZI.

Partager cet article !