• Home
  • ACTUALITÉS
  • Nuyu musi kugandagura abarundi birabandanya hakaba hari n’abagandagurwa Urupfu rubabaje

Nuyu musi kugandagura abarundi birabandanya hakaba hari n’abagandagurwa Urupfu rubabaje

 

Mu ntara ya Muramvya havurwa urupfu rw'umunyagihugu yari mu mugambwe MSD yagandaguwe n'abakozi b'iperereza ahambwa mukinyegero ku musi wa kabiri igenekerezo rya 22 Myandagaro 2023 mu masaha y'ijoro hagati ya sasita ni sahindwi. Igihe abo bakozi b'iperereza bazana uwo mugabo vyabonekana ko yarakiri muto nk'uko vyemezwa n’abamubonye agishikanwa aho ku bitaro bikuru vy'intara ya Muramvya, abaduhaye amakuru bavuga ko yarafise imyaka iri hagati ya 30 na 35.

Uwo munyagihugu agishikanwa aho ku bitaro, yari mu modoka ya Potien atwara iperereza aho mu ntara ya Muramvya. Nkuko abaduhaye amakuru babivuga, uwo munyagihugu bikaba vyabonekana ko yari yakubiswe cane, kuko ngo yari afise ibiguma mu maso no mu mutwe, mbere ngo bikaba vyari bitagikunda ko atambuka, yambaye ipantaro ya Jeans n'ibirato benshi bakunze kwita souplesse. Abo bakozi b'iperereza bakaba bategetse abakozi bo kur'ivyo bitaro kwakira uwo munyagihugu bakamuvura, baca baragenda bavuga ko bukeye bagaruka kumuraba.

Ntivyatevye kuko mu masaha y'ubucagucagu bw'ejo hahise igenekerezo rya 22 Myandagaro 2023, wa munyagihugu yaciye yitaba Imama. Niho ba bakozi b'iperereza baza basanga wa muntu yamaze gucikana. Ubwo nyene baciye bagenda mw'ibohero rya Muramvya aho nyene ku murwa mukuru w'iyo ntara bakurayo abanyororo, baca bashira ca kiziga ca wa muntu muri ya modoka y'iperereza baca baja ku muhamba ahitwa kayogoro ku mutumba wa Muramvya aho basanzwe bashingura abapfuye.

Mu matohoza twakoze twashoboye kumenya ko uwo munyagihugu yagiye guhambwa n'abanyororo 6 harimwo uwitwa Remesha na Mugoma. Ikindi twamenye n'uko hatowe abanyororo kugira hazimanganwe amatohoza kur'urwo rupfu, vyitwe ko ari umunyororo yapfuye yaragiye guhambwa.

Amakuru dufise yemeza ko uwo munyagihugu yaramaze imisi 3 akubitirwa ku biro vy'iperereza biraho  ku murwa mukuru w'intara ya Muramvya, ayo makuru nyene aremeza ko uwo yaraye apfuye yari mu mugambwe MSD ngo kuko bagiheza kumuhamba umwe muri babakozi b'iperereza vyamwanse mu nda ngo araheza avuga ngo kaka MSD turagahejeje nani uwundi nawe acaramuzibagiza. Gushika ubu abaduhaye amakuru basaba uwuzi ko yabuze uwiwe ari Muriyo myaka haba aho i muramvya canke ahandi yomenyako uwiwe atakiri muzima.

 

Abanyagihugu twayaze bavuga ko batekewe n'ubwoba kur'ivyo bintu vyaraye bishitse aho mur'iyo ntara. Bakavuga ko abantu bariko barapfa mu buryo butangaje. Ngo abanyagihugu barakwiye kurwanya intwaro ya CNDD-FDD mu buryo bwose bushoboka kugira bakize abarundi benshi bariko baricwa n'iperereza rya CNDD-FDD.

Radio Haguruka, twagerageje kurondera Nikiza Petit Arnaud arongoye ibitaro vya Muramvya kugira tumubaze kur'uwo muntu yariko avurirwa ku bitaro arongoye uwariwe n’umwidondoro wiwe hamwe n’ivyamushikiye, ariko ntiyigeze yitaba terefone yacu, yahamagara ikihereza, tumwandikiye kuri watsap yiwe yasomye ubutumwa ntiyishura, twagerageje kandi no kurondera Espérance Nduwayezu musitanteri wa commune Muramvya nawe nyene tukaba twamukenye kuri téléphone yiwe.

 

Inkuru yanditswe na King Blaise Iranzi.

Partager cet article !