• Home
  • ACTUALITÉS
  • Mbega no mu Burundi inzira yo gutembagaza ubutegetsi harico yofasha Canke yohuhura n'ivyahuha?

Mbega no mu Burundi inzira yo gutembagaza ubutegetsi harico yofasha Canke yohuhura n'ivyahuha?

Ico n’ikibazo bamwe n’abandi bariko baribaza inyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi ryabaye mu gihugu ca Gabon, aho abasirikare bazinduriye kuri Televiziyo y'ico gihugu bagaheza bagatangaza ko batembagaje ubutegetsi bwa Ali Bongo Odimba.

Mu gihe kuri uyu wa kabiri ariho hatanganzwa ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu ca Gabon Ali Bongo Odimba, aho umurwi wari ujejwe gutunganya amatora (Centre Gabonais des élections), wari wemeje ko Ali Bongo Odimba w’imyaka 64 y'amavuka yongeye gutsinda amatora mu kiringo kigira gatatu (3), niho kuri uyu wa gatatu haboneka umurwi w’abasirikare b’intwazangabo ku mboneshakure y’igihugu ca Gabon bamenyesha ko batembagaje ubutegetsi.


Abo basirikare mu vyo batangaje harimwo kandi ko ivyavuye mu matora aherutse kuba babitesheje agaciro, ko igihugu kigiye kurongorwa na Komite y’imfatakibanza, (Comité pour la transition et la restauration des institutions) igizwe n’abo basirikare nyene. Iyo Komite ikazoba ijejwe gushiraho inzego. Baciye bagirako bamenyesha ko imbibe zose z'igihugu zugawe kandi ko n’inzego zose zahahora zifuswe gushika hafashwe izindi ngingo. Uwasomye iryo tangazo muri bo, yamenyesheje kandi ko we nabo bari kumwe ngo bafashe ingingo yo guhagararira amahoro mu gushira kw’iherezo ubutegetsi bwa Ali Bongo Odimba, kw’izina ry’abanye Gabon bose. Mwomenya ariko ko inyuma y’iryo jambo humvikanye urwamo rw’amasasu mu gisagara ca Libreville, umurwa mukuru wa Gabon.


Ayo matora uvuyemwo gutembagaza ubutegetsi bwari buhari, yaheruka kuba kuri uyu wa 26 Myandagaro 2023. Umurwi ujejwe gutunganya amatora ukaba wari watangaje ko Ali Bongo yayatsinze ku majwi 64,27% ngw'araheza akurikirwa na Michel Stephane Bonda yaza kw’isonga mu bahanganye na Ali Bongo ku majwi 30,77%. Yamara ivyo biharuro naho vyari vyatangajwe n'uyo murwi wari ujejwe gutegura amatora, bamwe mu banyagihugu bo muri ico gihugu bemeza kw' ivyatangajwe n'uwo mugwi ari ivyandikiwe mu biro vy’umukuru w’igihugu bitandukanye n'ivy'abanyagihugu bari batoye.


Abihweza ibintu n’ibindi mu biriko biraba ku mugabane wa Afrika, bamenyesha ko biboneka ko abanyagihugu bo kuri uyo mugabane ngo bashobora kuba bariko barikangura kuko ahatari hake bariko baranka kubandanya batwarwa n’abategetsi babatwara nabi.


Bamwe mu Barundi twashoboye kuganira, imbere yuko hasohoka iyi nkuru, bari bafise ibibazo bitandukanye, bamwe bakibaza nimba no mu Burundi iyo nzira yo gutembagaza ubutegetsi hari ico yofasha canke yohava ihuhura n'ivyahuha? Bamwe bakavuga ko mu gihe vyoba bitobura ico bifasha. Ariko ico bikoze hari bamwe mu banyepolitike bamaze kuvuga ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ngo nawe nyene yabuze abamukura ku butegetsi ngo kuko inyifato yiwe ataho ihuriye n’umukuru w’igihugu.

Akarorero akaba araka Epithace Nshimirimana, avugira umugambwe MSD, aherutse kuvuga ko naho mu mugambwe iwabo badashigikiye itembagazwa ry’ubutegetsi, ngo kuba abarundi barongowe n’umukuru w’igihugu bafise uno musi, ngo ni kubera abarundi basanzwe bitonda. Ku bwiwe , afatiye ku biriko bikorerwa abarundi, ngo ntanicobuza ko haboneka abarundi bamutembagaza ejo canke hirya y'ejo.

Tubibutse ko iyi ntwaro ya Ali Bongo igira 8 mu ntwaro zitembagajwe kuva mu mwaka wa 2020. Iryo tembagazwa ribaye mu karere ka Afrika y’uburengero inyuma y'iryabaye muri Mali, Guinea, Burikina Faso, Chad no muri Niger riherutse kuba mu kwezi kw’indwi guheze. Muri kino gihe ibihugu bihurikiye muri CEDEAO bikaba bikiriko biraharira nimba vyorungikayo abasirikare baja gusubiza ku butegetsi umukuru w’igihugu Bazoum yaheruka gutembagazwa, ibidahurizwako na bamwe n’abandi.


Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

Partager cet article !