Umugambwe MSD uhamagarira abafise amaparasera bose mu gisagara ca Bujumbura, kwiyamiriza akamo k'umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo inyubako, vyo kurondera kwubaka amazu hisunzwe igishushanyo co mu mwaka wa 2040
Muri iryo tangazo ryateweko umukono n'umukuru w'umugambwe MSD, Alexis Sinduhije, batangura bavuga ku vyo umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo inyubako Dieudonné Dukundane, yahamagariye gukora ku wa 06 za kuno kwezi kwa Myandagaro uyu mwaka abafise amaparasera mu gisagara ca Bujumbura.
Ico naco nico kwerekana mu bushikiranganji arongoye ingene umuntu azokwubaka inzu yiwe akurikije ishusho y'imbonakazoza yo mu 2040 kugira amaparasera yabo ntaze ahabwe ababishoboye. Uwo mugambi naho ubutegetsi bwa CNDD-FDD bushimangira kw'aribwo buwuzanye, muri MSD bamenyesha k'uwo mugambi wategekanijwe mu myaka y'1983 n'1984. Kwiyitirira uwo mugambi, ku bazi amabi yama akorwa n'ubutegetsi bukomoka mu mugambwe CNDD-FDD, n'akandi karyo ko kwiba reta n'abanyagihugu uwo mugambwe uronse, nkuko bibandanya bivugwa muri iryo tangazo.
Ku bw'umugambwe MSD, ishigwa mu ngiro ry'iyo ngingo ngo n'amahirwe yanyuma y'ubwo butegetsi yo kwiba, abanyagihugu bategerezwa kwanka kwongera kunyarwa utwabo. Umuntu afatiye ku vy'ashikirijwe n'umushikiranganji ajejwe inyubako, ngo birumvikana kw'abanyagihugu bafise uburyo bubayebaye aribo bazosinzikazwa cane n'iryo nyarwa ryimirije, naho abifise nabo nyene batazobura uruhombo bahagirira. Ikindi kigaragaza kw'ico gikorwa gihishije umugambi wo kunyaga uzwi na reta, n'uko kugera kuri ino saha no mu gihe gito canke kibayabaye kiri imbere, reta idafise uburyo bw'amafranga bwo gushira mu ngiro uwo mugambi wo gutunganya ico gisagara.
Kugira bene uwo mugambi ukorwe neza, urangurwa mu gihe kirekire abanyagihugu babanje gutegurwa bakanabwirwa uko bazoshumbushwa mu gihe bogira ico batakaza. Iyo ngendo ya CNDD-FDD irondera cane cane kwambura amaparasera abanyagihugu bo mu mpera z'igisagara bayaronse mu gihe ca gikoroni, ikitwaza kw'igire iyahe abafise imitahe b'abarundi, ababa mu mahanga hamwe n'abanyamahanga bipfuza guteza imbere igihugu, umugambwe MSD, ukabandanya uvuga kw'uko ari ukunyaga kweruye. Ngo nta murwizatunga afise ubwenge, nta mu nyamahanga n'umwe afise kwiyumvira na guke yoshobora gufata ingingo yo kurangurira ikintu mu Burundi muri kino gihe, abobikora ngo ni abambuzi bagabirije kwigarurira ayo matongo.
Kuri abo barundi bitwa ko baba mu mahanga, umwe wese arazi kw'ari abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD bandikwako ibintu vy'ibihangange biguma vyiba igihugu bakavyitirirwa kandi atari ivyabo. Ku bwa MSD, ngo nta barundi baba mu mahanga batunze vyinshi vyo kuranguramwo imigambi bene iyo, abazokwemera gufasha kunyaga abanyagihugu ngo bazorira igihe isaha izoba igeze ko CNDD-FDD yishura ku vyo yakoze. Iyo saha nayo ngw'iri hafi, umugambwe MSD muguheraheza iryo tangazo ugahamagarira abafise amaparasera bose mu gisagara ca Bujumbura kwanka iryo nyagwa mukutitaba akamo k'umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo inyubako.
Inkuru yanditswe na Jeanne Kamikazi.