• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umukuru w'umugambwe CODEBU, Kefa Nibizi Abarizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Umukuru w'umugambwe CODEBU, Kefa Nibizi Abarizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Kumusi wambere, niho kumbuga ngurukana bumenyi hatangura gucanacanako ubutumwa buvuga ko Umukuru w'umugambwe CODEBU, Kefa Nibizi yarungikiwe umutahe wo kwitaba umushikirizamanza kizigenza wa Républika y'uburundi kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 Gitugutu 2023. Bikaba vyavurwa ko ico ahamagariwe koba ari kugira abazwe kuri amwe mu majambo  yacishijwe ku rubuga rwa  X rwahoze rwitwa Twitter rw'umugambwe CODEBU arongoye, umusi hibukwa imyaka 62 iheze uwaharaniye intahe yo kwikukira kw'uburundi Umuganwa Ludoviko Rwagasore agandaguwe. Hakaba hari ku wa 13 Gitugutu 2023.

Muri ubwo butumwa nabwo nyene butatevye gukwiragira hirya no hino kurizo mbuga ngurukanabumenyi, hakaba harimwo ubutumwa bugira buti, muri kino gihe Uburundi buri mu bukene bw'akataraboneka kubera uburongozi bubi, umugambwe CODEBU usaba abarundi kutemerana ahubwo bagafata akarorero ka Rwagasore kugira bagarukire igihugu kiriko kiratabagara. Ubundi butumwa bwavuga buri, mu gihe twugarijwe n'ubukene hamwe n'ubushomeri bitagira izina, vyatewe n'itunganywa ribi ry'ubutunzi bw'igihugu, umugambwe CODEBU urahumurije abarundi ko inyuma y'amatora ya 2025, ugiye kubasubiza umwizero wo kubaho neza no kuronswa akazi ku Rwaruka rurangije amashure.

Umugambwe CODEBU uhamagariye abarundi bose gutsinda ubwoba n'umwiheburo, baze bafatanye nawo kwubaka uburundi bushasha burangwa n'umwidegemvyo, iterambere mu vy'ubutunzi n'imibano no kurwanya ubushomeri, twarazwe n'incungu ya Demokarasi Ndadaye Melchior. Muri ubwo butumwa kandi harabonekamwo ubundi butumwa bugira buti nduguruye twamugina « Ibuka: uko utwawe niko ubaho, utwawe neza ubaho neza, utwawe nabi naho ubaho neza » Ndugaye twa mugina.

Kuri uyu wakabiri rero nkuko yari yabisabwe ku mutahe yari yarungikiwe n'umushikirizamanza kizigenza wa Republika y’uburundi, Uwo arongoye umugambwe CODEBU iragi rya Ndadaye yari yamwitavye, niko guca atangura kumwagiriza gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu « atteinte à la sureté intérieure de l’Etat ». Umushikirizamanza akaba yamwagirije ubwo butumwa n’amajambo duhejeje kubabwira vyakoresheje  ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa twitter rw’umugambwe arongoye kw’igenekerezo rya 13 ukwezi kw ‘icumi aho abarundi bibuka imyaka 62 iheze uwarondereye intahe y’ukwikukira k'uburundi, Umuganwa Rudoviko Rwagasore, agandaguwe, ko vyari bifise intumbero yo guhamagarira abarundi imigumuko. Inyuma yaho akaba umushikirizamanza ahejeje kumwuviriza, yamubwiye gusohoka hanze kugira amurindire gatoya. Ngo bikaba vyaboneka ko ariko arabaza abamukurira harimwo umukuru w’igihugu ico yokora.

Naho atako atari yagize uwo arongoye umugambwe CODEBU ngw'agerageze kwisigura asa n'uwusaba ikigongwe muguhindura bumwe mubutumwa bwari bwacishijwe kuri urwo rubuga, ntivyabujije ko mumwanya mutoya, hahavuye hasohoka itegeko ubutarariye ryo guhagarika no gupfunga Kefa Nibizi, kuko yahavuye aca yurizwa umuduga, ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba nkuko isoko ryacu ryabitwiganiye. Bamwe mu banyagihugu bumvise ivyashikiye uwo munye politique bamenyesha ko uretse ko umugambwe CNDD-FDD ngugeze kumpfiro ngo kuko usigaye utinya nigihori gipfuye, ngo harageze nyabuna kwabarundi bava hasi bakawankira kubandanya itoteza abanyagihugu. Abo twabajije murabo, ico bashatse kuvuga batubwiye ko kiretse ayo majambo uwo mu nyepolitique ngo yanditse kur'urwo rubuga ngo atakintu yarabujije ubutegetsi bwa CNDD-FDD, abandi nabo bakaba bavuzeko abasokuru bawuciye ngo ico wanka nico ubona bati CNDD-FDD ntizobuza abarundi guhaguruka bakagumuka.

Nayo abakurikirana ivya politike y'ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye bavuga ko mu vyashikirijwe n'uwo munyepolitike Kefa Nibizi, ngo ntaho bitandukaniye n'ivyirirwa birashikirizwa mu makoraniro n'umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye ariko we ngw'akaba atigera arengutswa imbere y'intahe. Iyo ngendo rero yo guhamagaza no gutera ubwoba abanyepolitike bashikirije ivyiyumviro vyabo, ngo niyo yamye iranga ubutegetsi bwa CNDD-FDD mu ntumbero yo kuzivya abatavuga rumwe n'ubwo butegetsi, kandi ngo iciye kubiri na démocratie birirwa bararimba kumusi ku musi. Ku bw'abo, abarundi ngo bazoshikira démocratie y'ukuri, ari uko bikuyeko intwaro y'igikenye ya CNDD- FDD ngw'isigaye ijugumizwa n'igiti n’inyoni.

 

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !