Kw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, gushika kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu 2023, umuhana wose utegekwa kuzoba ufise Inkwavu 5 woroye.
Nkuko biboneka mu rwandiko rwo kuwa 26 Nyakanga 2023, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’iterambere rusangi, aheruka kurungikira indongozi zitandukanye kuva hasi gushika hejuru, Martin Ninteretse, abwira izo ndongozi zose ko mu ntumbero yo gushigikira integuro y’umukuru w’igihugu ijanye n’ubworozi bw’Inkwavu, ko imiryango yose y'abarundi bategerezwa kororora nimiburiburi Inkwavu zitanu, nayo abategetsi bakaba bategerezwa gutanga akarorero keza mugutunga izo nkwavu.
Sivyo gusa, abategetsi batandukanye nabonyene bategekwa gutegerezwa gutanga akarorero keza mu korora izo nkwavu, kuburyo nimiburiburi umwese wese yorora inkwavu zitanu, nayo ibibanza vyose vy'akazi ka reta kuva ku ntara gushika ku mutumba co kimwe n'ibindi bibanza vyose bikoreramwo ubuzi butandukanye bwa reta bigaheza bikaba vyarangije gutegekanya ibibanza bigenewe korora Inkwavu. Naho biri uko, abarundi ntibigeze bagishwa inama canke ngo babazwe nimba uwo mugambi woba ariwo babona ko wobateza imbere. Ico bikoze co uwo mugambi bitegekanijwe kuzoshirwamwo imiliyaridi zirenga 270 z'amafaranga reta izokoresha muri uno mwaka azoja mu mugambi w’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye wo kworora inkwavu.
Bamwe mu banyagihugu bakaba bavuga ko kuva uburundi bwitwa uburundi, ngo ntantwaro abarundi bari bwaronke ibafata mukanigo ngo batunge inkwavu kunkoni kiretse intwaro ya Evariste Ndayishimiye aturuka mu mugambwe CNDD-FDD. Kubwabo, Abakuru bibihugu batari bake b’imbere ya Evariste Ndayishimiye baragize ivyo bahimiriza gukora abarundi, nko gukora ibikorwa rusangi, guharura amabarabara, gutera no gukorera ikawa, kubaka amashure gutera ibiti n’ibindi, ariko ngo ntawigeze ategeka abarundi korora Inkwavu numusi numwe.
Nayo bamwe mu ncabwenge bakaba babona ko Umushinge w'iterambere kwisi nzima ngo ari uko hubakwa amabarabara meza, amabarabara y'indarayi, umuyagankuba udacika kugira ibikogwa vyiterambere bibandanye. Bagatangazwa no kubona bahamagarirwa korora inkwavu kandi mu Burundi atagitoro, atamazi arangwa mubisagara, bagaca babona kwivyo vy’inkwavu ari ubusuma mubundi kwatakintu nakimwe bizofasha abanyagihugu.
Kukaba nkako, abarundi ntibaribagira uwundi mugambi udasanzwe wa Petero Nkurunziza wo gutera amavoka mu gihugu cose, ku mabarabara, ku mitumba yose. U mugambi nawo nyene watwaye amamiliyaridi menshi cane. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yari yabwiye abarundi ko amavoka azotuma igihugu gitunga. Sivyo gusa icogihe mukwiba amafaranga yuwo mugambi, Petero Nkurunziza yavuga ko hagiye gushingwa amahinguriro akora amavuta n’ibindi bintu bishorwa hanze ngo bigaheza bikazana amafaranga yagaciro. Yamara uwo umugambi wahavuye uhinduka umukenyuro wokunyururizwamwo amamiliyaridi. Uno musi uretse ayo mafaranga yagaciro mvamakungu Petero Nkurunziza yabwira abarundi batigeze babona, nanyamavoka, abarundi ntibarigera babona iyo yakamanganiye.
Abatari bake rero bakaba babona ko uyo mugambi atakindi ugamije, kiretse ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, arondera kunyonora itunga ry’igihugu n’amafaranga y’igihugu yitwaje umugambi wo korora Inkwavu. Ngo nayo ivyuko uwo mugambi ushobora guteza imbere igihugu ngo ntavyo abarundi bazokwigera babona kuntwaro ya CNDD-FDD ngo kuko iyo baba bafise imigambi myiza igihugu kiba kimaze gutera iyindi ntambwe mu myaka kimaze kirongowe n’uwo mugambwe.
Aho nimugihe abandi barundi bariko bariyumvira ko izo nkwavu zoba ziriko zirakoreshwa amangetengete yo kubandanya guhuma amaso abarundi, kugira ntibikangure mw’itiro barimwo, ngo narirya umukuru w’igihugu ubwiwe yavuzeko ikironderwa cane muri izo nkwavu ko ari amaganga yazo, ngo kandi abarundi basanzwe bazi ko inkwavu atamaganga zogira yovamwo ibitangaza vy’akayabu kamafaranga.
Tubibutseko uyo mugambi uje wiyongera kuyindi migambi nayonyene Evariste Ndayishimiye yavuze ko asanzwe arangura yo korora Imisiba, Isazi n’ibindi ngo navyonyene bivamwo isegenya ry’amafaranga.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.