Ururimi CNDD-FDD yumva Abarundi twoba twararutahuye?

 

Haraciye imyaka irenga 18 umugambwe CNDD-FDD ushitse ku butegetsi. Mukuhashika ntivyaciye mu nguvu, ahubwo habaye ibiganiro vyashitse kumasezerano yi Arusha mu mwaka w’2000 yo guhagarika ingwano hamwe no gutunganya amatora yo mu mwaka wa 2005. Mugabo kuva aho bashikiye ku butegetsi baribagiye uko bahashitse baca biha ivyo gutera ubwoba abarundi. Bamwe baricwa, abandi twarabuze irengero ryabo, abandi nabo barangajwe. Inguvu nizo zikora gusa ku ntwaro ya CNDD-FDD mugabo ico bibagira nuko izo nguvu bakoresha arizo nyene zizobakuraho. Muti gute? 

Inguvu ntizishobora kuba izumwe. Iyaba inguvu zishobora kuba uzumwe hari intwaro zitovaho. Inguvu ziri ubwoko bwinshi mugabo uko ziri kwose zirafise iherezo. Mwe mwibaza ko ari kuberiki abanyamerika bavuye Afghanistan? Mwoba mwibuka ukuntu Uburusiya nabwo nyene bwavuye muri Afganistan? Ako ni akarorero k’ibihugu bifise inguvu z’ibisirikare zidasanzwe kandi zigizwe n’ibirwanisho biri mu vyambere bikomeye. Ariko murabona ko bataye bakomoka. Tugaruke i Burundi ninde yibuka CNDD-FDD ikiri mw’ishamba aho idashobora no gufata umutumba? Ico gihe havurwa ko igisirikare caba Ex-Fab ko cari gikomeye gose, ariko vyarabonetse ko intsinzi iciye mu muheto idashoboka, mugabo amaherezo abo barwana nibo baramutswa igihugu uno munsi, sinzi ko mugabo boba barahakuye icirwa.

Inguvu zirafise ibintu zishobora gutorera inyishu n’ibindi bidakunda. Ikindi naco nuko iyo inguvu zikoreshejwe mu gutorera inyishu ibikurikira bitegezwa kuronka inyishu bidaciye mu nguvu. Raba intwaro zaje biciye mu nguvu ico bihutira ni ugushiraho intwaro rusangi.Ivyo navyo mukubishikako ni uko amatora iba ariyo nzira yo gushika kubutegetsi niyo nkingi yintwaro rusangi.

Ariko intwaro ya CNDD-FDD ibiyigoye vyose haca hakoreshwa inguvu. Uno munsi haba mu nama nshingamateka, mu butungane, mu bikorwa vyo kurongora igihugu vyose hakoreshwa inguvu. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abarundi ntibasiba kumva yigamba ko ari Général canke aca imigani yibikoko bikomakomeye nk’intambwe, ico gihe abashaka kwerekana ko yoba ari umuntu akomeye. Muri CNDD-FDD niho bakunda kuvuga ibintu ngo «Hongora injavyi», canke ngo «Tera inda abakeba» tutibagiye nibindi ngo «Pingura ipinga».

Ayo majambo rero niyo aranga umugambwe wa CNDD-FDD kandi ntagitangaza kuko kuva ushitse k’ubugetsi ntakindi uzi gukoresha atari itera bwoba canke inguvu. Kandi nabiyegereza CNDD-FDD canke abanywanyi wabo nabo nyene izo nguvu zihora zibakorako. Inguvu rero ziraronderwa kandi kenshi na kenshi uwadafise inguvu uno munsi sikuvuga ko ejo atazozironka. Aha nashaka rero kuvunira akagohe CNDD-FDD uno munsi nibo bafise ikirindi ejo kizoba gifise abandi.

None ikirindi kizohindura ukubuko ryari? Benshi mu Barundi basa nabihebuye ariko ikirindi caratanguye kwiyaka CNDD-FDD naho yoyo itavyemera. Ikivyerekana ca mbere ni uko uno munsi CNDD-FDD idashobora gutegura amatora meza kuko irazi neza ko yoca itsindwa ubutarariye. Inguvu zo mu matora zarabiyatse.

Ikindi gikomeye, ni uko inguvu za gisirikare CNDD-FDD yibaza ko irusha abandi, itagira namba. Tubibutse ko ubu Uburundi bufise abasirikare barenga ibihumbi bitatu muri Congo hakiyongerako n’ibindi bihumbi nkivyo vy’Imbonerakure. Ntakindi cabajanye muri Congo, bagiye guhiga no kurondera abarwanyi ba Red-Tabara, ariko ntibibuza yuko abo barwanyi bakora ibitero ku butaka bw'uburundi. Muri Congo vyaranse ko batuza iyo mirwi yafashe ibirwanisho. Ikindi n’uko no mu gihugu binurwanurwa rwose ko ubu abo barwanyi buzuye kandi biteguye gutera bimwe bikomeye.

Ikigira gatatu cerekana ko inguvu za CNDD-FDD ziri kumuhero kandi zigeze ahatemba. Ntako batagize kugire babuze amashirahamwe ya gateka ka zinamuntu, amaradiyo yigenga canke ico bita société civile gukora mu Burundi. Ariko vyarayinaniye, ahubwo ubu izo radiyo canke amashirahamwe aharanira agakega ka zinamuntu niyo asigaye atabariza ba abategetsi bakomeye bariko barahohoterwa nka Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wambere canke imbonerakure zihohoterwa n'ubutegetsi bwabo.

Ni vyinshi vyerekana ko ikirindi kiriko kirahindura ukuboko. Barundi, Barundikazi ntimwihebure kandi mumenye ko inguvu namwe mwize kuzirondera buke buke kandi CNDD-FDD iriko iratemba ni mubandanye. Bisabwa rero ko Abarundi twitanga kurusha mu gushigikira abo bose bari mu rugamba rwo kuzana intwaro nziza. Inguvu rero turazifise kandi tuzikoresheje neza CNDD-FDD ntizomara kabiri. Imyaka 18 mu bucakara irakwiye.

Vyanditswe na Jean-Charles Ncuti.

 

 

Partager cet article !