• Home
  • ACTUALITÉS
  • Igihe cose hazoba hataratunganywa amatora meza mu Burundi, umuhari Red-Tabara ngo ntuzohagarika kurwanira ubwo burenganzira buha ijambo umurundi wese ngo yitorere abamurongora.

Igihe cose hazoba hataratunganywa amatora meza mu Burundi, umuhari Red-Tabara ngo ntuzohagarika kurwanira ubwo burenganzira buha ijambo umurundi wese ngo yitorere abamurongora.

 

Nkuko biri mu rwandiko rwateweko umukono n' umuvugizi w' abarwanyi b' umuhari Red-Tabara, Patrick Nahimana, rwashizwe ahabona kuri uyu wa 13 Munyonyo 2023, batangura bibutsa ko uwo muhari udashobora kureka ngw' abarwanyi bawo bishikane biciye  mu mugambi DDR. Aho uwo muhari uhagaze ubwa mbere, ni ku kwumvikana ku bintu vyotuma haba itunganywa ry' amatora ashingiye kuri demokarasi, ata musunikano, ahurikiyemwo bose kandi abera ku mugaragaro. Ivyo bikaba vyashikirijwe n' uwo muhari mw' itangazo ryo ku wa 27 Gitugutu 2023, mu gihe hari haraye handitswe ku rubuga rwa twiteri rw' ibiro bikuru vy'umukuru w'igihugu k' umukuru w'igihugu yiteguriye kwakira abarwanyi ba Red-Tabara mu mugambi DDR.

Ku wa 29 Munyonyo 2022, inyuma y' inama y’abakuru b' ibihugu ku mahoro n' umutekano mu buseruko bw' igihugu ca Congo yabereye i Luanda kuwa 23 uko kwezi nyene mu 2022, umuhari Red-Tabara waribukije amakungu hamwe n' akarere kw' ingorane uburundi burimwo ari iza politike zaturutse kw' ihonyangwa ry' amasezerano ya Arusha. Uwo muhari ukaba wibutsa ko werekanye ico gihe kw' inyishu ari ukunagura ayo masezerano muri rusangi ariko vy' umwihariko igisata co gutunganya amatora ashingiye kuri demokarasi,  ku kwidegemvya, ku kudakumira kandi arimwo umuco, ko kandi ishirahamwe mpuzamakungu ONU, iry' ubumwe bwa Afrika, iry' ibiyaga binini hamwe n' akarere bibwiriza reta y' uburundi kuja mu biganiro vy' ukuri, bihurikiyemwo bose mu ntumbero yo gutegura ayo matora.

N' imbere y' amatora yo mu mwaka w' 2020, ku wa 27 Ndamukiza 2020, umuhari Red-Tabara wariyamirije ayo matora kuko wabona kw'abenshi mu batavuga rumwe n' ubutegetsi bayakumiriwemwo bigatuma umunyagihugu w' umurundi yakwa uburenganzira bwiwe bwo kwitorera uwo ashaka. Ico kikaba ngo catumye umuhari Red-Tabara umenyesha ko uzobandanya urugamba  gushika urubuga rwa politike rwugururiwe abarundi Bose, ata numwe akumiriwe. Aha hose umuhari Red-Tabara ukaba wibutsa ko inzira yo gutunganya amatora meza, ata musunikano, arimwo bose kandi abera ku mugaragaro, ariyo yo nyene ishobora gukura uburundi mu kaga burimwo naho biboneka k' umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye aguma yica amatwi akanka kuyumva.

Nayo ku wa 21 Rusama 2021, umuhari Red-Tabara ngo waribukije ko kugira indyane zihere, ivyo gutembagaza ubutegetsi navyo bihagarare, amasezerano ya Arusha ko yari yarategekanije inzira yo gushikira ubutegetsi biciye mu matora atunganijwe neza kandi ngo n' umuhari Red-Tabara ntuca kubiri n' ivyo biri muri ayo masezerano y'amahoro no kunywanisha abarundi ku bijanye n' amatora. Umuhari Red-Tabara ukaba wibaza impamvu ituma CNDD-FDD yanka ko hatunganywa amatora ashingiye kuri demokarasi, ata musunikano, ahurikiyemwo bose kandi abera ku mugaragaro mu gihe yizeye ko ifise abanywanyi benshi nkuko idasiba kubiririmba. Red-Tabara ngo nta kindi isaba atari uguharira vyimbitse hagati y' ubutegetsi bwa CNDD-FDD hamwe n' iyindi migwi yose iserukira abarundi mu ntumbero yo kwumvikana ibintu vyotuma haba ukwubaha  amatora. Ku bwa Red-Tabara, amasezerano ya Arusha yarategekanije uko hobaho mu Burundi ubutungane bwizewe kandi bwigenga bushobora guhana abagiriwe n'ivyaha vy'agahomerabunwa. Ubwo butungane ngo ntibwavuzwe kugira bukurikirane abarwanyi b' umuhari Red-Tabara nkuko vyashikirijwe na Varisito Ndayishimiye bicishijwe ku ruba rwa twiteri. Hari n' ibindi vyibutswa n' uwo muhari muri urwo rwandiko rwashizwe ahabona uyu musi.

Uwo muhari ukaba wasozereye urwo rwandiko umenyesha ko umuntu wese ashobora kubona kw' ivyo ushikiriza bitomoye, ata madidane bitegerezwa kumutera ugereranije n'ivyo gusamaza abantu bishikirizwa na Varisito Ndayishimiye. Nkuko umuhari Red-Tabara werekana mu buryo butomoye aho uhagaze, ubu ngo hasigaye ko Varisito Ndayishimiye nawe yereka abarundi  n' abafasha uburundi aho ahagaze mu buryo butomoye ku bibazo vya politike bihanze abarundi.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !