• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umukuru w’igihugu c’uburundi asigaye afatwa nk'umupfungakiwani wo kurwego mpuzamakungu, kuko ububeshi bwiwe bumaze kurenga imbibe bugatandukira abanyamahanga.

Umukuru w’igihugu c’uburundi asigaye afatwa nk'umupfungakiwani wo kurwego mpuzamakungu, kuko ububeshi bwiwe bumaze kurenga imbibe bugatandukira abanyamahanga.

Ivyo nibiriko biravurwa n'abakwirikiranira hafi imvugo Evariste Ndayishimiye akoresha inyuma yo kumva ibiherutse gushikirizwa n'uwurongoye Umuhari M23 urwanya na leta ya Congo aherutse kwagiriza umukuru w’igihugu Ndayishimiye ko yamuhenze mumubonano bagiraniye.  Bertrand Bisimwa akaba yemeza ko ko bari bavuganye ko azofasha mu biganiro vy'impande zose kugira amahoro aboneke, ngo hanyuma agaca akora ibihushanye n'ivyo bavuganye mukuba ariwe arungika abasirikare baza kurwanya umuhari M23.

Hari kuri uyu wa 18 Munyonyo 2023, igihe umuhari M23 watunganya ikiganiro kubamenyeshamakuru i Bunagana. Ico kiganiro kikaba cari kiremeshejwe na Bertrand Bisimwa asanzwe ariwe aramutswa uwo muhari umaze igihe uhanganye na leta iharanira intwaro rusangi ya congo. Murico kiganiro Bertrand Bisimwa yaramenyesheje atakurya umunwa ko yaguye mugahundwe inyuma y'umubonano yagiranye n’umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye asanzwe arongoye ibihugu bigize umuryango w’ibuhugu vy'akarere  EAC.

Uyo arongoye umuhari M23, akaba yamenyesheje ko kubona umukuru w’igihugu yari yamwemereye ko azokora ibishoboka vyose agafasha kugira ngo ingorane uwo muhari M23 ufitaniye na leta ya Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Kongo zitorerwe inyishu biciye munzira y’ibiganiro, ngo hanyuma akaba ariwe aca kuruhande akarungika abasirikare n’imbonerakure kurwanya umuhari M23 ngo n’ibintu bitagira insiguro kandi bitagira uko yovyita.

Bertrand Bisimwa yanavuze ko afatiye kukuntu yari yaganiriye na Ndayishimiye Evariste ngo yari yamubonye nk’umugabo w'umunyamahoro yipfuriza ineza akarere kose. Akavuga ko Ndayishimiye yari yamwemereye kuba uwumvikanisha abanyekongo, akaja hagati ya Leta na M23 kugira haboneke umuti ku bibazo bafitaniye. Kandi ko yari yamweretse ko atahura ibibazo M23 imaze igihe iriko irarwanira. Uyo mutegetsi akaba avuga ko atarigera atahura ingene Evariste Ndayishimiye yahavuye ajana ingabo z'Uburundi muri RDC, akazambika imyambaro ya Congo, akazirungika kurasa M23. Kubwiwe ngo ntashobora gutahura ingene umuntu ahagarariye umuryango w'Afrika y'ubuseruko, yanatanze ingabo zifasha kugarura amahoro, yongera agakina imikino y'ikinyegero akifatanya n'umwe mu bari mu matati.

Kurivyo rero vyagirizwa Umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye, bamwe mu bakwirikiranira hafi imvugo akoresha bavuga ko ivyiwe ngo biriko biraja ahabona ngo kuko agiye gufatwa nk'umubeshi abandi bita nkumupfungakiwani mpuzamakungu ngo kuko ububeshi bwiwe bumaze kurenga imbibe bugatandukira abanyamahanga.

Ivyo mukubivuga bakaba babivuga bafatiye kubintu vyinshi yagiye arasezeranira abarundi  ngo yamara agaheza ntakore ikintu nakimwe. Mur'ivyo bakibutsako kuva agifata ubutegetsi ngo yagumye yizeza abarundi ko azotunganya ibiganiro vyari gutuma imirwi itandukanye y'abarundi bahunze igihugu kubera indyane za politique zo mu 2015 bahunguka, ngo yamara akaba agiye kuzohava amara ikiringo ciwe atakintu nakimwe akoze. Sivyo gusa banavuga ko kuva afata ubutegetsi adasiba kuvuga ko agiriye ikigongwe apfunzwe ngo yamara kubimaze kuboneka ngo yama acayirekurira abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bagirizwa ibindi vyaha ngo yamara abapfungiwe ivya politique ntabarekure.

Uretse abo bakurikirana imvugo ziwe, n’abandi barundi nabo nyene bavuga ko atagitangaje kuba umukuru w’igihugu c’uburundi yarahenze umuhari M23 kuzowufasha mugutorera inyishu ibibazo biwuhuza na leta ya Congo ngo kuko basanzwe bamuzi kandi bamaze kumumenyera kwarangwa no kuvuga ibintu ku munwa gusa adashira mu ngiro, ngo ntakindi rero bari biteze kuri Ndayishimiye ngo kiretse guteza urubwa uburundi mu makungu, ngo kuko bobo amaze kubahenda ibintu vyinshi bitagira uko bingana. Kubw'abo ngo amakungu nayo, nabone ayo abarundi bagowe ngw'aheze abafashe kubakurako umuntu ataguma kw'ijambo aba yivugiye.

 

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !