• Home
  • ACTUALITÉS
  • Kwiyemerera ko aruwambere mububeshi n’ubujanja mukubesha. Nibimwe muvyo umukuru w'igihugu yavugiye mw'ihuriro ry'abikorera ivyabo rigira kabiri.

Kwiyemerera ko aruwambere mububeshi n’ubujanja mukubesha. Nibimwe muvyo umukuru w'igihugu yavugiye mw'ihuriro ry'abikorera ivyabo rigira kabiri.

Ngo mu kanya gatoyi, uburundi n’abarundi ngo biramaze gutera imbere. Ivyo vyashikirijwe n'umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye kuri uyu wa 27 Munyonyo 2023 mukwugurura ihuriro rizomara iminsi ibiri yahariwe umuzinga day. Iryo huriro rikaba ariryo abikorera utwabo.

Ngo ikimenyetso sindamusiga cerekena iryo terambere ku bwa Varisito Ndayishimiye, ngo n' amazu asakaje amabati aboneka ku  mabarabara makuru makuru ava mu gisagara ca Bujumbura aja mu gihugu hagati. Yamara aragwa akagaruka akavuga ko ata gihugu gishobora gutera imbere kitagira intwaro ibereye.  Agatakamba avuga ko ubuhinga bwa none bita digitalisation aribwo abafasha uburundi bofashisha reta arongoye bugakoreshwa ngo kugira abakomoka mu mugambwe CNDD-FDD bamaze kurwara ingwara yo gukorera nabi igihugu bace bakira.

Bamwe mu bari bahari bamenyesheje ko akarimi k' umukuru w'igihugu, ngo atawe koba kagicisha ku biti no ku mabuye ngo yizere ko hari ico kazomufasha. Abarundi ngo nibo bokumwereka ko ataco ariko arabamarira mu bikorwa.

Mugihe urugero runini rwabarundi basanzwe bazwi ko batunzwe n’uburimyi, ntivyabujije Umukuru w’igihugu, kubwira abari bitabiriye iryo huriro ko abarundi 98 kw'ijana ari abarwizatunga. Nayo ngo abatsindira amasoko ya leta ngo ntibakwiye gusubira kwiyita abarwizatunga, ngw'ahubwo n'abakozi ba leta. Akababazwa no kubona abo biyita abarwizatunga ngo birirwa baragura imiduga myiza myiza, bongera baja kugura amazu mu mahanga.  Ivyo biganiro rero ngo vyatunganijwe mu ntumbero yo guteza imbere abanyagihugu. Akaba yahamagariye abarwizatunga gushira imitahe mu mugambi wa leta wo kwubaka ibarabara ry’indarayi. 

Mw' ijambo ryiwe kandi ntiyibagiye kuvuga ko uburundi aribwo bushora amavoka menshi hanze, ngo gusumba ibindi bihugu nk’urwanda. Akaba yagirije bamwe mu bategetsi kw'ata kintu na kimwe bamaze kiretse kugara mu makoti mugabo ataco bariko barakorera igihugu. Ariko ikibabaje gusumba ibindi umukuru w’igihugu yemeza ko hariho ububeshi n’ubuswahiri bwemewe kandi ko hariho n'ibicumuro vyeranda.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !