• Home
  • ACTUALITÉS
  • Itangazo rigira kabiri rya komite y'abasirikare n' abapolisi iharanira ihinduka mu Burundi ryasotse kuri uyu wa 01 Kigarama 2023. Iyo Komite yoba igiye gukura uburundi mukaga koko ?

Itangazo rigira kabiri rya komite y'abasirikare n' abapolisi iharanira ihinduka mu Burundi ryasotse kuri uyu wa 01 Kigarama 2023. Iyo Komite yoba igiye gukura uburundi mukaga koko ?

Itangazo riteweko umukono n'umusirikare avuga ko yitwa Stanislas Ndihokubwayo afise ipete rya Lieutenant avugira komite y'abasirikare n' abapolisi iharanira ihinduka mu Burundi, ryibonekeje mu gatondo co kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 01 Kigarama 2023 mu ntara zitandukanye zigize Uburundi. Iryo tangazo mbere rikaba ryiriwe riranyuragirana ku mbuga   hwaniro aho abatari bake bagiye bagira ico barivuzeko.

Bamwe bati, n' iperereza ry' Uburundi ryasohoye iryo tangazo,  abandi nabo bati, turasavye iyo komite yabo basirikare n'abapolisi bave mu majambo baje mu bikorwa ngo kuko abanyagihugu mu Burundi turarushe.

Bamwe mu bari mu mpunzi z' abarundi bahunze igihugu, nabo bavuga bati, ko Reta y" Uburundi yanse ibiganiro ngo ibintu bisubire mu buryo, abo basirikare n' abapolisi nibashire mu ngiro ico cipfuzo baheze badukure mu buhungiro. 

Kubera iryo tangazo nyene rya komite y' abasirikare n' abapolisi baharanira impinduka mu Burundi, bamwe mu banywanyi b' umugambwe CNL batekewe n' ubwoba bibaza kw' amatangazo mwene ayo ashobora kuba agamije kugirira nabi bamwe muri bo.

Abavyiyumvira bagafatira  ku kuntu babona itangazo ry' uyu musi riguma rihererekanwa ku bwinshi ku mbugahwaniro, riteyeko n' umukono mu gihe umugambwe CNL usanzwe mu ngorane, bikavugwa ko hariko hategurwa inama kaminuza y'uwo mugambwe igamije gukura ku burongozi bwawo, umushingamateka Agathon Rwasa.

Naho biri uko muri bamwe mu banywanyi b' umugambwe CNL, mu gipolisi naho nyene, bamwe barangwa n' agashavu biturutse kuri iryo tangazo nyene. Amakuru dukura mu banyagihugu bazindutse bashengereye basoma iryo tangazo ahitwa Dorsale kw' ibarabara rigabura zone Kinama na zone Cibitoke, hamwe no kw' ibarabara rya 12 rya zone ya cibitoke, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura avuga ko abapolisi babatse iryo tangazo mu gihe bariko barisoma ari benshi cane,   bari bashavuye birenze urugero.

Bamwe muri abo banyagihugu bakibaza kw' abo bapolisi babatse iryo tangazo bashobora kuba arabinjiye muri urwo rwego kugira bakorere umugambwe CNDD-FDD hagukorera abanyagihugu. Iryo shavu ngo bakaba baryerekanye ngo kuko bumva k' ubutegetsi bishimikije umwanya n' umwanya bushobora gusenyuka.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !