Naho Nizigiyimana Gerard Musitanteri wa Komine Nyabihanga yari yabogojwe n'imana mpanuzwajambo aracitondera mu biro ataco yinona kuko afise abamushigikiye.
Zuguru zuguru niyo irangwa mu bategetsi ba CNDD-FDD inyuma y'aho inama mpanuzwajambo ya Komine Nyabihanga ifatiye ingingo yo kubogoza mu mabanga musitanteri w'iyo Komine Nizigiyimana Gerard. Mur'iyo zuguru zuguru abategegetsi bamwe bakaba bashigikiye ko uwo Musitanteri akurwa, abandi nabo bakaba barahira bakarengwa ko adakurwa. Ivyo akaba ari vyo vyatumye uwo musitanteri gushika ubu abandanya kwitondera ku kazi ataco yinona.
Kuva uwo Musitanteri ahagaritswe n'imana mpanuzwajambo ya Komine Nyabihanga kw'igenekerezo rya 24 Munyonyo 2023 ni ho iyo zuguru zuguru yatangura mu bategetsi ba CNDD-FDD. Naho uwo Musitanteri Nizigiyimana Gerarudo yahagaritswe kubwamanyanga n'ubunyonyezi vyamuranga mur'iyo Komune harimwo kunyuruza amabati yaragenewe ba ntahonikora, kunyuruza isukari no kugurisha ibiti vya Komine amafaranga akikubitira kuw'inyuma.
Nk'uko rero amakuru dufise abivuga, kuva uwo musitanteri abogojwe, hari impande zibiri mu bategetsi ba CNDD-FDD zihanganye aho bamwe bashigikira ko akurwa, abandi nabo bakanana ko adakurwa kuko ari umugumyabanga wa kera, ivyo bita umugumyabanga w'indani muri CNDD-FDD.
Aha rero tukaba twashoboye kumenya ko Musitanteri Nizigiyimana Gerard ashigikiwe n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Martino Niteretse akaba n'umugenzi wiwe w'akadasihoka. Nayo uruhande rw'inama nkenguzamateka rukaba rusaba ko akurwa, ubona ko n'icegera ca mbere c'iyo nama nkenguzamateka Denise Ndadaye ari we arongoye iyo nama mpanuzwajambo ya Komine Nyabihanga iheruka gufata iyo ngingo yo kubogoza uwo Musitanteri.
Mur'izo mpari rero umukuru w'inama nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera akaba aherutse gushikiriza ko uwo Musitanteri ategerezwa kubogozwa, atavyo kwitwaza ubugumyabanga bw'indani ngo kuko yasahuye itunga rya commune. Ivyo umukuru w'inama nkenguzamateka y’uburundi, akaba yabivugiye mu ntara ya Mwaro ku musi wa Kane igenekerezo rya 30 Munyonyo 2023.
Tubamenyeshe ko gushika ubu uwo Musitanteri acitondera mu biro ataco yinona kuko afise abamushigikiye. Abanyagihugu rero bakurikirana ibiriko bibera aho mur'iyo Komine bakavuga ko intwaro ya CNDD-FDD ataho izopfa ishikanye igihugu c'Uburundi ngo kuko mur'iyo ntwaro abariyo bose barangwa no gusahura igihugu bagaca bashigikirana, ngo akaba ari yo mpamvu abarundi bakwiye kubogora igihugu vuba bwango.
Inkuru yanditswe na King Blaise IRANZI.