• Home
  • ACTUALITÉS
  • Gushinga Prosper Ntahorwamiye, umunyamabanga n'umuvugizi wa Reta y' uburundi ngwabe umukuru w’umurwi ujejwe gutun ganya amatora mu Burundi, ngo nugusuzugura abarundi vy’indenzarugero.

Gushinga Prosper Ntahorwamiye, umunyamabanga n'umuvugizi wa Reta y' uburundi ngwabe umukuru w’umurwi ujejwe gutun ganya amatora mu Burundi, ngo nugusuzugura abarundi vy’indenzarugero.

Ngo n'ibara ku mutemere ibiriko bikorwa n'umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye hamwe n'abitwa ko baserukira Abanyagihugu. Abanyagihugu bariko babivuga inyuma yaho kuri uyu wa 06 Kigarama 2023 hemejwe n' inama nkenguzamateka amazina y'abagize umugwi ujejwe gutegura no gutunganya amatora mu Burundi CENI.

Umukuru mushasha w'uwo mugwi akaba ari Prosper Ntahorwamiye, umunyamabanga n'umuvugizi wa Reta y' uburundi akaba mbere yarigeze kuba muri bene uwo mugwi aho yari umuvugizi wabo. Umupfasoni Victoire Nahimana yahoze ari umukenguzamateka niwe agiye kuba icegera c'uwurongoye uwo mugwi. Umupfasoni Bizumuremyi Odette nawe akazoba ajejwe intwaro n'ubutunzi muri uyo mugwi, Sylvestre Nyandwi ajejwe amategeko, Bizimana François ajejwe inyigisho  no gutanga amakuru muri uwo mugwi, Léonidas Ndayiragije ajejwe  ubuhinga bwa none hamwe rero na Gaby Bugaga ajejwe ibikoresho. 

Abanyagihugu bati, uwoguma aharura ibikorwa n' umugambwe CNDD-FDD ngo yokwicwa n'agahinda bikamunanira kubona igikwiye gukorwa kugira ibintu bihinduke mu gihugu. Ku bwabo, uwo mugwi ngo ntako wokwigenga urongowe n' uwuvugira reta akaba n' umunyamabanga wayo. Uwo mugwi mu bisanzwe ngo n' uwuhagarariye reta. Ngo vyari vayarananiranye mu bihe biheze ko amatora ahagararirwa neza n' umugwi CENI, ubuho n' abipfuza kuja mu matora yimirije ngo nibazeruke ngo kuko uwo mugwi uzobaha amajwi yategekanijwe na reta be n' umugambwe CNDD-FDD na rirya na reta isanzwe igizwe n' umugambwe umwe rudende.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !