Uko ibihe vy’amatora vyegereza niko ukutihanganiranira mu vya politike bibandanya vyibonekeza. Umugambwe CNDD-FDD ukaba uterekwa abatavugarumwe nawo.
Ku bijanye no kwitegurira amatora, ibimenyetso vyerekana kw' icuka atari ciza hagati y' umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi hamwe n’imigambwe itavuga rumwe nawo biguma vyibonekeza. Uturorero n' ivyabaye ku musi w'ejo igenekerezo rya 06 Kigarama 2023. Iruhande yo kuba harahagaritswe ibikorwa vy' umugambwe CNL mu gihugu cose, muri zone Musenyi, komine Mpanda mu ntara ya Bubanza, imbonerakure z' i Murengeza zazindutse zirandura idarapo ry'umugambwe CNL zivuga ko zirishiriye Musitanteri wa komine Mpanda.
Amakuru ava aho ku Musenyi akavuga ko abanywanyi ba CNL bakurikiranye iryo darapo baciye bafatwa batabwa mu mvuto. Abo nabo akaba ari Ngendabanyikwa Appolinaire atwara umugambwe CNL ku Mutumba Murengeza na Ndayishimiye Frédéric.
Ku musi w' ejo nyene, ingoro y" umugambwe CNL iri ku Mutumba Mugutu, komine n' intara ya Gitega yarabomowe n' abantu batashoboye kumenyekana. Ariko bikavugwa kw' ari igikorwa cakozwe n' imbonerakure nyene. Iyo ngoro ikaba yari isanzwe iriko irubakwa n' abanywanyi b’umugambwe CNL. S'aho gusa, n' ingoro y' umugambwe CNL iri ku Mutumba Rutegama uhana urubibe n' umutumba Mugutu, yarabomowe ejo nyene. Abajejwe intwaro co kimwe no mu gipolisi akaba ata kajambo umuntu abumvako kuri ivyo vyose vayaraye bibaye.
Abanyagihugu bakabona kw' ivyo vyerekana ko umugambwe CNL utazopfa usubijwe mu minwe y' indongozi yawo Umushingamateka Agathon Rwasa bafatiye no ku nyishu umushikiranganji w' intwaro yo hagati mu gihugu aherutse gutanga afatiye ku vyari biherutse kwandikwa n' uwurongoye CNL aho yavuga ko ibihano vy' uwo mugambwe vyaheranye n' italiki imwe ya kuno kwezi kwa Kigarama. Bamwe mu banyagihugu bakaba basaba abarundi bose guhagurutswa n' ibiriko biraba baharanire uburenganzira bwabo.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.