• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ivyerekeye umubano w’urwanda n’uburundi birasubiye kuyangara. Urwanda ruhejeje kwagirizwa n’umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye kwarirwo rufasha umurwi w’iterabwoba Red-Tabara.

Ivyerekeye umubano w’urwanda n’uburundi birasubiye kuyangara. Urwanda ruhejeje kwagirizwa n’umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye kwarirwo rufasha umurwi w’iterabwoba Red-Tabara.

Kuri uyu wagatanu itariki 29 Kigarama 2023, Umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye yaremesheje ikiganiro co kwishura ibibazo vy’abamenyeshakuru n’abanyagihugu. Ico kiganiroi kikaba cabereye muri komine Kigamba mu ntara ya Cankuzo.

Kukibazo yabajijwe n’umumenyeshamakuru, nimba umuhari Red-Tabara harico woba umaze gusaba reta y’uburundi kugira ngo intambara zimaze igihe ziba hagati y’igisirikare c’uburundi nuwo muhari, aho hari n’igitero cabaye ku mutumba Vugizo muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura cahitanye abanyagihugu 20, uno musi Red-Tabara ivuga ko abo banyagihugu bagandaguwe na reta y’uburundi, nayo Red-Tabara ikemeza ko yateye ikirindiro c’abasirikare ugaheza ukica abasirikare 9.

Nkuko bivurwa n’umukuru w’igihugu, uyo mugwi w’iterabwoba Red-Tabara, nguhabwa indaro, ugahabwa ivyo kurya, ugahabwa amabiro bakoreramwo, ukongera ugahabwa amahera n’igihugu bicayemwo. Ico gihugu naco ngo n’igihugu c’URwanda. Mugihe Evariste Ndayishimiye yemeza ko haheze imyaka irenga 2 agira ibiganiro nico gihugu c’urwanda ngo kugira kibatange yamara ngo bikananirana, avuga ko ahanura igihugu c’Urwanda ko comenya ko babandanije barera amuntu bariko barica inzoya ngo bariko barima urwanko, ngo bariko barima umugera w’inzankano hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Naho umukuru w’igihugu yaramaze kumenyesha ko ariko arategura ko hoba ibiganiro bimuhuza nuwo muhari, uno musi mukwishura ico kibazo yatangaje ko ataco abo muri Red-Tabara ngo bosaba kuko ngo bica abantu ataco bazira. Aha umukuru w’igihugu agasigura ko iyaba umuhari Red-Tabara warondera ivya poritike wari kurondera umukuru w’igihugu canke umushikiranganji ari mu kibanza cabo. Yongerako ko yaba washaka igihugu ku nguvu woteye igisirikare n’igiporisi babanesheje, bagaca bafata igihugu.  Ariko naho abivuga gutyo, umuhari Red-Tabara wowo ubandanya kumenyesha ko utigeze utera abanyagihugu canke ngo wice abanyagihugu ahubwo ngo wateye ikirindiro c’igisirikare.

Bamwe n’abandi bakaba babona ko imvugo umukuru w’igihugu ahejeje gukoresha mu kwifatira igihugu c’urwanda acagiriza ko gikorana n’umuhari Red-Tabara, mugihe ico gihugu cagerageje akatari gake ahubwo gukorana na reta y’uburundi gushika naho abarwanyi 19 b’umuhari Red-Tabara batanzwe nico gihugu kuri reta y’uburundi, ngo nicemezo ko uburundi bufitiye imigambi mibi igihugu c’urwanda. Muriyo migambi mibi, ngo birashoboka ko uburundi bwoba buriko burakorana na Repubilika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo kugira ngo birondere guhungabanya umutekano w’urwanda.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !