Ubwicanyi burabandanya mu burundi. Hari umupfasoni azwi ku mazina ya Minani Yozofina aherutse kugandagurwa anizwe.
Minani Yozofina yarapfuye anizwe mu ndwi iheze isozera umwaka wa 2023. Uwo mupfasoni akaba yaba ku Mutumba Mugerama wa komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Abamunize bakaba bamenyekanye nk'abasore babiri bo mu Mvugo, muri komine Nyanza-Lac, mu ntara ya Makamba nyene.
Naho abo basore babiri bafashwe n' igipolisi, dosiye y' urwo rubanza i Nyanza-Lac ikaba itariko yihuta. Amakuru dukura muri komine Nyanza-Lac avuga kw' ikiriko kiratevya iyo dosiye ari igiturire kigomba guhabwa inyamiramabi iyifise mu ntumbero yo kuyizimanganya. Abanyenyanza-Lac bakaba basaba abajejwe ubutungane kw' ikubita agashi bareke kuza baratevya imanza zisanzwe zifise ivyagiriji bikwiye.
Bamwe muri abo banyagihugu bo bavuga ko naho abategetsi bo hejuru mu Burundi harimwo umukuru w'igihugu baguma basemerera bamwe muri bo n' ukurira bakarira kubera ibibera mu gisata c' ubutungane biteye isoni, ngo nta kintu na kimwe gishobora guhinduka muri ico gisata ku ntwaro ya CNDD-FDD ngw' ifise umugambi wo gusasira indava ikibi ihereye ku gukingira inkozi z' ikibi zinyegeje muri uwo mugambwe.
Abarundi bose, ku bwabo banyenyanza-Lac ngo bakwiye gufatana mu nda bikureko intwaro ya CNDD-FDD. Ngw' atari uko, uwutarashikirwa n'ingorane atewe n' ubwo butegetsi, ngw' azoteba ashikirwa .
Twagerageje kurondera umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Makamba kugira tumubaze ibijanye n" iyo Dosiye y" urupfu rwa Minani Yozofina w' i Mugerama muri komine Nyanza-Lac turamukena.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.