Imvugo z’abategetsi b’igihugu c’uburundi zibandanya kwerekana ko batazi ico bajejwe.
Umushikiranganji Martin Niteretse abwira abahunze kw' ivyo bavuga atari vyiza ku gihugu ko Kandi babivugishwa n' imirete ya gusa baba bahaze. Uwo mushikiranganji akaba aherutse kuvyandikira umupfasoni Rose Hakizimana yigeze kuba umushingamateka, ubu ari mu buhungiro biturutse ku kiringo ca gatatu kidakurikije amategeko c'umuhisi Petero Nkurunziza.
Uwo mushikiranganji yandika agira ati, nduguruye twa mugina. « Uraza ubabwire ayo ufise adateye isoni kandi ako gakengere mwitwaje muragaheba kuko kirazira guhangara uwo abanegihugu bitoreye. Iyo mirete muhimba ya gusa mugaca mwibaza ko isi n'ijuru ari gwanyu. Iyaba mwabaho ku vyo mubiriye intuguta ntimuba mwirigwa muvuga aya muhe nkukwo ». Ndugaye twa mugina.
Mukwishura kuri ayo majambo y' umushikiranganji w' intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n'iterambere rusangi, umupfasoni Rose Hakizimana atangura amwereka yuko avugisha ukuri ata gakengere karimwo mu vyo abwira abategetsi. Ivyo akabikora ngo kuko igihugu atari ic' abategetsi gusa bapfunga abanyagihugu gushika aho babaraza mu kazu ka Surwumwe nkuko biherutse kugaragara mu gasho ka parake i Makamba.
Uwo mupfasoni abandanya yerekana ko abategetsi naho baherutse kugaragaza ko uwahoze ari umushikiranganji wa Mbere afise amaparasera 153 n' imiduga 55, abosuzuma ivyo abasigaye bafise ngo bosanga bafise ibirenga ivyo. Nayo ukuri uwo mupfasoni ashikiriza ngo n' ivyo abanyagihugu baba bamutumye kuko bobo bavyiguye, imbonerakure ngo zica zitumwa kubica canke zikabanyuruza. Uwo mupfasoni yemeza Kandi ko ariko yegeranya intonde z' abamaze kunyuruzwa bakazimangana kugira azishikirize abategetsi bazibone.
Abategetsi bakunda igihugu ku bwa Rose Hakizimana ngo ntibaba bakwiye kwubaka ingoro mu ntara zose zigize igihugu biberamwo nkuko Varisito ariko arabikora mu gihe abanyagihugu batagira ibitaro n' abaganga babavura, abigisha bahembwa intica ntikize n' ibindi. Ivyo vyose abo bategetsi bakabikora basanzwe bafise imiduga y' igihugu bashiramwo igitoro kirihwa n'abanyagihugu kugira bakore ingendo zabo bitabagoye. Ivyo biriko bikorwa n' abategetsi b' uburundi ngo n' agatukisha ku gihugu.
Tubibutse ko abanyagihugu bama bashikirije ko ata rukiza biteze ku bategetsi bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.