Ikinyoma kimara umunsi ntikimara umwaka

 

 

Amagenekerezo ya 29 na 31 Kigarama 2023, azoba amatariki yandikwa muri kahise kivyaranze umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye, aho abarundi abariho nabataravuka bazokwama bibuka ingene uyo mutegetsi yahurudutse mu kwifatiramugahanga, gushira isoni no kubahuka kwagiriza igihugu c’urwanda ko gifasha ibintu vyose umuhari Red-Tabara, kugira ngo ushobore gutera intambara no gukora ibitero mu gihugu c’uburundi. Umukuru w’igihugu akaba yavuze ko umutwe wa Red-Tabara azi aho uri. Ngo uhabwa indaro ugahabwa ivyo kurya, amabiro bakoreramwo n' amahera n’igihugu bicayemwo, c’uRwanda.

Inyuma rero yayo majambo, hirya no hino abarundi canke abanyamahanga, baraneguye bongere baratera ivyatsi imvugo yakoreshejwe n’umukuru w’igihugu ko atarimvugo ibereye umukuru w’igihugu. Bamwe bati uretse ko nivyo yagirije urwanda birimwo ububeshi bukabije bikabamwo kwambika ibara igihugu c’urwanda, ngo niyo vyokabaye arivyukuri ngo imvugo umukuru w’igihugu yakoresheje nta wundi numwe kw'isi ashobora kuyikoresha. Ababineguye bakaba bavuzeko iyo hari ibibazo vyadutse hagati y’igihugu n’ikindi ngo bisanzwe bitegekanijwe ingene benivyo bibazo vy'imigendereranire bitorerwa inyishu hagati  hakoreshejwe inzira z'ibiganiro, diplomatie canke gushiraho abahuza bashobora guhuza impande zose.

Kubera kumaramara rero kw'umukuru w’igihugu c’uburundi guturuka ku majambo yahurudukanye, muri kino gihe ariko aragerageza kurondera ingene yisubizako agashambara bitagishoboka. Ubu akaba ariko arasya atambaye mukurondera bamwe mu barundi bahungutse bavuye mu Rwanda kugira ngo bakoreshwe mu mugambi wo kwagiriza urwanda ko rwabigishije inkoho rukabinjiza mu muhari Red-Tabara. 

Muri uwo mugambi uriko urategurwa n'iperereza ry'uburundi, nkuko amakuru turonka abivuga bitegekanijwe ko abazokoreshwa bazokwerekwa ibimenyeshamakuru n’amaradiyo bagaheza bakagiriza bamwe mu barundi bahungiye muri ico gihugu cane cane bamwe mu ndongozi z’umugambwe MSD ko aribo bakorana n'umuhari Red-Tabara.

Mu makuru dukura mw’iperereza ry’uburundi, hakaba hari bamwe tumaze kumenya ko abakozi b’iperereza bamaze kuja kurondera imyidondoro yabo mu buzi bahoze bakoreramwo, mu ntumbero yo kubashira kurizo ntonde zayo marementanya ariko arategurwa.

Ariko naho leta ya Evariste Ndayishimiye iriko irategura amarementanya mwenayo, bamwe n’abandi babonako uwo mugambi atakintu nakimwe uzoshikanako  leta y'uburundi. Bagahanura  leta y' uburundi n’umugambwe CNDD-FDD kureka guca mu nzira zidashika nyabuna batunganye  ibiganiro bihuza abarundi bose vyotuma n'abahunze batahuka. Gutyo ngo amahoro agataha mu burundi nayo imigenderanire y’amakungu n’uburundi hadasigaye inyuma n’igihugu c’urwanda igatsimbatazwa. N'inkuru tuzobandanya tubakwirikiranira.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !