Inyuma y’ingingo yafashwe na Reta y’uburundi, yo kugara imbibe zose Uburundi buhana n'u Rwanda, Reta y’Urwanda ntiyatevye kugira ico rubivuzeko.
Mw’itangazo igihugu c'u Rwanda casohoye kuri uyu mugoroba wo kuri uyu wakane, bamenyesha ko bababajwe n'ingingo ya Reta y'Uburundi yo gusubira kugara imipaka ihuza ivyo bihugu bibiri. Urwanda rukaba rwavuze ko iyo ngingo y'Uburundi rwayimenye biciye mu bimenyeshamakuru, ariko ko ingingo Reta y'Uburundi yafashe ari ingingo atari nziza, ngo kuko izobangamira uruja n'uruza rw'abantu, n'uguhanahana ibidadanzwa.
Muriryo tangazo igihugu c’U Rwanda casohoye, babandanije bavuga ko ingingo y'Uburundi kandi inyuranye n'amabwirizwa agenga ugukorana hagati y'ibihugu bigize umuryango w’ibihugu vy'akarere ka Afirika y'ubuseruko EAC.U Rwanda rukabona ko iyo ngingo y'Uburundi inahonyanga kandi amategeko ya EAC.
Mwomenyako igihugu c’urwanda casohoye iryo tangazo inyuma yaho Reta y’uburundi ifatiye ingingo kuruyu wakane, yo kugara imbibe zose Uburundi buhana n’igihugu c'Urwanda nkuko vyatangarijwe mu nama na Martin Niteretse umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n'umutekano yakoreshereje mu ntara ya Kayanza yahuza abajejwe intwaro bose ku rwego rw’intara.
Tubibutseko ataribwo bwa mbere Reta y’Uburundi yugara imipaka ihana n'u Rwanda. No mu mwaka wa 2015, barayugaye bagiriza u Rwanda kuba rwaragize uruhara mu bibazo vyatewe n'ingingo ya Petero Nkurunziza yo gusubira kwitoreza ikiringo ca gatatu, ikiringo c’iyamirijwe n’imirwi itandukanye y’abarundi. Iyo mipaka ikaba yari yasubiye kugururwa mu mwaka wa 2020 inyuma yaho umukuru w’igihugu c’Uburundi ashikiriye ubutegetsi. Muri kino gihe bikaba vyboneka ko imigenderanire iriko iraba myiza ku buryo n’abategetsi bivyo bihugu bari basigaye bagenderanira.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.