Manirakiza Jonson inyuruzwa ryiwe ryateguwe rishirwa mu ngiro na Georges Nshimirimana arongoye umugambwe CNDD-FDD hamwe n’umuhanuzi wa Buramatari Gerard Nibigira mu ntara ya Gitega.
Manirakiza Jonson batazira Biguvu, n’umunywanyi w’umugambwe MSD kuva umugambwe ucemererwa gukora ku mugararo mu mwaka w’2009, akaba mbere azwi nkumwe mubagendaniye umukuru w’umugambwe MSD muriyo ntara ya Gitega Epithace Nshimirimana.
Uyo munywanyi w’umugambwe MSD yaratotejwe bihagije kuva mu mwaka w’2015, uwurongoye umugambwe MSD mu ntara ya Gitega amaze guhunga, ivyo kumutoteza bikaba vyatumye afatwa agafungwa yagirizwa ko ari mubiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Uyo munyororo wakarenganyo akaba yarawukoze imyaka irenga 6 yose aho yahavuye arekurwa mu mwaka w’2021.
Amaze gufungurwa nkuko amakuru dukura ngaho mu ntara ya Gitega abivuga, ntiyorohewe, kuko nahonyene yagumye atotezwa yongera aterwa ubwoba muburyo bumwe n’ubundi. Mugihe yarasanzwe aba mugisagara ca Gitega, muri Quartier Nyamugari mu giswahiri, yaratotejwe ahava arimuka aja kuba muri Quartie ya Karera ya Kabiri n’umuryango wiwe. Naho nyene akaba ngo yaguma abwira abagenzi biwe kwadatekanye ngo kuko yama ariko araterwa ubwoba ngo bamwagiriza kuba mu mugambwe MSD. Munyuma akaba yahavuye aronka akazi kizamu muri Ateriye ikorera kwa Manyatisi aho yaramaze igihe akora ako kazi kizamu.
Nkuko amakuru twarose tuyakuye aho yarasanzwe arara izamu ngaho kuri Ateriye abivuga, nguyo munywanyi w’umugambwe MSD, kwitariki 11 zukwezi kw’icumi 2023, igihe c’isaha hafi zine zijoro, ngo niho haza imodoka y’igipolisi co ngaho mu ntara ya Gitega, ngwiraheza irahagarara, ngo niko kwinjira muriyo Atariye ngo batora Manirakiza Jonson batazira Biguvu, ngo bamushira mu modoka baramujana, murico gihe ngo yarageje gutabaza yamara ngo abandi bazamu bakaba baciye binyegeza.
Inyuma gato yiyo modoka yigipolisi ngo hariho n’iyindi modoka y’umushingamateka Georges Nshimirimana asazwe arongoye umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, ngo akaba yari kumwe n’umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Gitega Nibigira Gerard, ngo bikaba vyaboneka ko barikumwe nabo bamunyuruje. Nkuko amakuru twarose kandi abandanya abivuga, ngo nuko munyuma aba polisi bagarutse bagatera ubwoba abazamu bari basanzwe bakorana n’uyo muhisi, ngo nibaramuka bagize ico bavuga ko kizobakorako.
Kubwayo makuru nyene, Manirakiza Jonsoni ngo yajanywe ahantu atamuntu n’umwe yigeze amenya ahariho, inyuma y’ukwezi akaba ariho bivurwa ko yagandaguwe agaheza ikiziga ciwe kikaza gutabwa mu ntara ya Muyinga. Amakuru abo mu muryango wiwe bemeza ariko bakavuga ko batigeze bagira uburenganzira bwo gushobora kumushingurana iteka. Baba abo bo mu muryango wiwe co kimwe n’abanywanyi bumugambwe MSD ishavu riraniga ryo kubona iyo nzirakarengane yaragandaguwe.
Kurivyo rero Abanyagihugu co kimwe n’abo banywanyi b’umugambwe MSD mu ntara ya Gitega twashoboye kuganira, bavuga ko amaraso y’inzirakarengane abandanya kumeneka ngo atazobura gukwirikirana abariko barayamena, nayo ngw’intwaro ya CNDD-FDD yarahindutse urusyo abarundi bakwiye kwitura kuko rubaremereye kwizosi.
Tukaba turiko turagerageza kurondera abo mu mugambwe MSD kugira ngo tubabaze ivyerekeye urwo rupfu rw’umunywanyi wabo, hamwe n’umushingamateka Georges Nshimirimana asazwe arongoye umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, n’umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Gitega Nibigira Gerard barikumwe ngo twumve ico bavuga kuri urwo rupfu yamara abo bose tkaba tutarashobora kubatora.
Inkuru yanditswe na Ninette Nancy Mutoni.