Ntawuronderera amata mu matako y’igihori kandi n’ inka ikamwa ico yariye!
Barundi namwe barundikazi turakenyeye twicishe inzara n’inyota urwaruka rw’Uburundi rwo kazoza k’igihugu cacu? Kuramba n'ukubona mbaye nka basokuru kuko ubu ntikakiri agaseseshwarumuri ko abanyeshure mu mashure yose y’igihugu cacu c’Uburundi ko batagishobora kwigana umwete ngo babone kugira umwimbu ushimishije w’amanota mu mashure mu gihugu cose. Kandi ivyo ntakindi kibituma kiretse ikigoyi cokora amakara kigata. Inzara yaratse indaro mu mashure i Burundi.
Nayo iyo bigeze muri Kaminuza y’Uburundi hoho vyahindutse akambaro k’ibara! Kubona abanyeshure muri kaminuza batakironka ivyankenerwa bikwiye, biri mu bintu vyambere bitera umudugararo mu buzima bw’umunyeshure kuko ata munyeshure yoshobora kuronka inguvu zo kwiga no kuvyitwararika no kubishikako mugihe yaraye ubusa canke naho akirirwa ubusa!
Mu mwaka wa 2021 ikinyamakuru iwacu carigize kwandika ku munyeshure muri Kaminuza yishwe n'inzara. Aha umuntu aribaza abahevye kwiga kubera inzara boba bangana gute? Ikibabaje murivyo vyose ni uko kenshi abaza kwiga muri kaminuza y'iburundi ari abana bava muri miryango isanzwe ifise uburyo buke. Ivyo bisigura ko iyo agafashanyo « Bourse » bahabwa gatevye kuboneka bagira ikibazo gikomeye co gusuma, co kuriha aho baba canke co kwikenura mu tundi tuntu baba bakeneye mu buzima bwa misi yose.
Ikintu giteye umubabaro kandi kibabaje muri ivyo vyose, ni ukubona ivyo vyose biterwa n’uburongozi bubi buva kw’itunganywa ribi ryiraye mu nzego n’ibisata nka vyose vy’igihugu gushika naho ingaruka mbi zishwara mu mice y’igihugu tudasize inyuma mu mashure no mu barezi!
Aho ni uko tuvuze amashure y’isumbuye na Kaminuza, yamara ivyo mu mashure y’intango vyovyo vyararenze akarimbi, ntawobiyagira hano ngo ahave abiheza! Ariko munkundire ndabayagire ibara n’amabi ku mutemere adasiba kwiha inkumbi n’inzara muri Kaminuza y’Uburundi!
Haraheze igihe kinini abanyeshure bakoma induru atawe bayiha kuberako agafashanyo « Boursz » kabo kabuzwe irengero, ivyo bigateza ibibazo vyinshi mu buzima bw’umunyeshure kubera adasubira kuronka ingene ashobora kugura no kuronka ibin tu vya nkenerwa, vyomufasha kubandanya ivyirwa vyiwe ari nako kazi kiwe ka minsi yose. Ngaha ikitavuzwe coco ni ku banyeshure Babakobwa biga muriyo kaminuza kuko uretse inzara, ubwo bukene butagira izina buheza bukabateza gukora ivyo batokoze mu gutangura gutezuka ku muco n’ayandi mahano kuko babuze uko bagira!!! Kuri uyu munsi ndiko ndabayagira iri bara, abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi ntibagishobora kurya gatatu ku munsi kandi icibagiwe coco ni ugufungura bagahaga! None mwumva umunyeshure nkuyo womwitegako umwimbu nyabaki?
Ingaruka ku gihugu ni izihe?
Urwaruka nirwo kazoza ku gihugu! Iyo urwaruka rudateguwe neza ngo ruronke ubumenyi buhagije kandi aribo bagifise inguvu no kuzokorera igihugu muri kazoza, uca wunva ko ejo ico gihugu kiba cubakiye ku musenyi kandi ko kazoza k’igihugu n’abanyagihugu kaba kari nko mu Kangaratete!
Hokorwa iki kugirango abanyeshure mu gihugu muri rusangi n’ivyokorerwa abanyeshure muri Kaminuza y’Uburundi kugirango basarure umwimbu ushimishije w’amanota meza, kugirango ejo na hirya yejo dushobore kugira icizere c’ejo hazaza kandi heza cane, iyaba abategetsi n’Inzego z’igihugu bari abantu boshobora gukora ku neza y’abarundi n’igihugu, botegerejwe gukora ibi bikurikira:
- Gutuza no kurwanya igiturire mu gihugu cose.
- Gutunganya neza amatungo ya Leta no gukurikiranira hafi ingene umatungo ya kaminuza y’Uburundi ukoreshwa.
- Kwubahiriza ivyo vyose Leta yageneye abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi kandi bakabironkera ku gihe atagucererwa.
- Umushikiranganji ajejwe indero mu gihugu ategerezwa gukorana na Réctorat kandi akamenya ko ibisata vyose vy’indero arongoye ko bidafise akanenge.
- Budjet y’uburyo bukoreshwa mu mashure y’ibanze na Kaminuza agomba kuja ahabona mbere bibaye ngombwa umushikiranganji abijejwe agatumwakwo mu nama Nshingamateka « Assemblée Nationale » kugirango urwo rwego rushobore kumenya ibitagenda neza muri ico gisata hama bakabona gutanga projet de Lois y’ico korwa canke cohindurwa kugirango indero n’ubumenyi irushirizeho kugira akanovera!
Nkaba ndangije uyu mwihwezo mvunira akagohe umugambwe CNDD-FDD ariwo urongoye igihugu n’ubushikiranganji bujejwe indero n’ubumenyi mu gihugu cacu, kwikubita agashi kuko bitabaye uko kazoza k’abarundi n’Uburundi mu minsi mike iri imbere ni ba BONANGENDA!
Yanditswe na Mwene Gikwerere.