Umubano n’umwunvikano muke hagati y’Uburundi n’Urwanda urakomeza kugenda wiyongera!
Kuva kera na rindi Uburundi n’Urwanda ni ibihugu bibiri bivukanyi kanatsinda vyose hamwe uko ari bibiri bisangiye ibintu vyinshi nk’ururimi, amateka, umuco, imbibe n’ibindi. Uko imyaka yagiye ihera ninako ibihugu vyagiye bihindura abategetsi kandi ni nako hanagiye hagaragara ukutunvikana kwiza hagati y’abayobozi. Aha ndavuga igihe hatwara abami nínyuma y’abakoroni aho ibihugu vyose birongowe n’abaperezida!
None n’ibihe bibazo nyamukuru vyakunze kwibonekeza hagati yivyo bihugu vyose hambere hahise ndetse nubu? Vyaterwa n’iki muri ico gihe? Ubuho biterwa n’iki?
Ibibazo vyakunze kwibonekeza muri kahise bikuru bikuru twovuga uno munsi n’ibi bikurikira:
Uburimbi hagati y’imipaka:
Haragiye hagaragara umwunvikano muke hagati y’ibihugu vyose kubera amatati ashingiye k’uburimbi hagati y’imipaka ndetse no gushiranako bagashiranako! Ivyo vyarabaye cane cane ku ntwaro z’abami aho wasanga ibihugu birwana kubera umwami ashaka kwagura imipaka. Murazi neza nkivyabaye mu ntara ya Kirundo. Uno munsi hariho agace kari mu Kayanza karimwo impari mugabo ku ntwaro z’abaperezida ntibirashika aho dushiranako.
Amacakubiri:
Inyuma y’ubukoroni hatanguye kwibonekeza ubuyobozi buhamagarira abanyagihugu kwankana urunuka mur’ivyo bihugu vyose binatuma amoko atangura kurabana ay’ingwe ndetse no kwicana batangura kwicana guhera muri 1959 mu Rwanda no guhera muri 1968 mu Burundi na nubu bikiriko! Ivyo navyo bikaba vyadutse ku muzo w’abayobozi b’abakoroni aho bakoresheje mu kuyoboresha ico bise (Gaburamwo imice tworoherwe kubayobora=Diviser pour régner ). Ico kibazo c’amacakubiri carateye uruhagarara n’ubu bikiriko hamwe usanga bamwe bavuga ngo ubu bwoko kanaka canke burya bwoko nirwo buteza umutekano mu gihugu kibanyi.
Impinduramatwara z’abategetsi (système de gouvernance) mu bihugu vy’ibiyaga bigari.
Imbere y’umuzo w’intwaro ya demokarasi harageze kuba ikibazo hagati y’Uburundi n’Urwanda. Reka ndabahe akarorero aho perezida Yohani Batiste Bagaza yagenda mu Rwanda agasanga hari abantu b’abarundi bariko baramwiyamiriza. Ico gihe vyarateye ikibazo mbere havurwa ko arivyo vyatumye Gahutu Rémy bamwirukana mu Rwanda.
Mu nyuma zaho haje demokarasi aho gushika kubutegetsi ubanje guhirika ubutegesti vyahagarara ahubwo bigaca mu matora. Iyo myikeko yameze nkiyicureha kireste ubu aho kuva muri 2015 Uburundi buguma bwagiriza Urwanda ngo rucumbikiye abashatse guhirika ubutegetsi muri 2015 ko Urwanda arirwo rufasha umuhari wafashe ibirwanisho Red-Tabara urwanya leta y’uburundi. Nkuko mubizi muri kino gihe Uburundi bwarugaye imipaka. Ariko muvyukuri ivyo vyose bagiriza Urwanda ni ukuyovya canke kwirengangiza ikibazo nyamukuru cari ikiringo ca gatatu, ihohoterwa n’ayandi mabi yabaye ndanse mu Burundi.
Hokorwa iki kugirango ivyo bibazo vy’umubano muke bitorerwe inyishu zibereye kandi bihere burundu?
Ingorane n’ukutunvikana hagati y’ibihugu n’ibindi vyamyeho kandi vyama vyabaye ariko kurondera inyishu n’umuti urama nivyo bigaragaza ubuyobozi nyabwo mu gufata ivyemezo bikemura canke bikuraho burundu ibibazo aho kuvyongereza ku bindi biba bihasanzwe!
Iyo hagaragaye umwunvikano muke hagati y’ibihugu bitewe n’ikibazo runaka, uba ariwo mwanya mwiza wokugaragaza ubuhanga n’ubuhangange bwa Leta iba iyoboye igihugu. Ni gake cane mu buzima bw’ibihugu intambara iba inyishu y’ibibazo. Kwihutira gufata ingingo n’imyanzuro gihutihuti canke umuntu agitwawe n’ishavu vyama bivamwo inyishu itabereye!
Iyo bidakunzeko bitorerwa inyishu, ibihugu vyose bishobora kwikora ku babanyi canke abagenzi bakabahuza ndetse bakanabunvikanisha kugirango haboneke inyishu irama.
Guhora mu ntambara zurudaca, kwama mu majambo yo kwivuguruza, kwama hafatwa ingingo izi na ziriya zidashika ku nyishu zirama ni ibintu biburagiza imibereho, ukwishira n’ukwizana kw’abanyagihugu bose bivyo bihugu. Uburundi n’Urwanda na none n’íbihugu bivukanyi biri mu karere kamwe unasanga atari ugusumiranira gusa ahubwo harimwo n’imiryango ku mpande zose ivyo bigatuma hari vyinshi bihononekarira mu miryango no mu banyagihugu bavyo!
Hokorwa iki?
Nkuko navyanditse ngaho hejuru, ibihugu vyo mu biyaga bigari birasabwa gushiraho ibi bikurikira:
- Impinduramatwara (système de gouvernance ) ishingiye kuri Demokarasi Nyakuri bisigura Amatora atunganijwe neza azira ikumira kandi hisunzwe amategeko. Iki kibazo mu Burundi harakwiye inyishu vuba.
Kwitura inzego no kwifashisha ababanyi, incuti n’abagenzi ;
Aka ni akazi cane cane k’abashikiranganji b’imigenderanire n’amakungu. Mu gukemura no mu gutorera inyishu zirama ibibazo vyitambitsemwo hagati yivyo bihugu biba bifitaniye ibibazo harakenerwa ko abari mu gisata ca diporomasi bafata iya mbere.
Aho naho hariho inzego zizwi kandi zifashiswa mu gutorera inyishu hagati y’ibihugu vyagiriraniye amatati runaka bicishijwe mu miryango nka EAC, OBK, SADEC, CEDEAO, OUA n’izindi nyinshi zikorana na ONU. Mu misi iheze mwarabonye ko ariko vyagenda mbere n’abayobozi ku rwego rwo hejuru barashoboye kubonana.
Ariko vyanse bikunze ntivyakagonvye kugera hiyo mu bihugu vy’ibiyaga binini narirya mur’ivyo bihugu benshi baba bavuga indimi zimwe kandi bakaba bafise n’imico ifitaniye isano rya hafi cane! Dufatane munda rero hama twiyubake, twubake ibihugu vyacu hama twubake Afirika yacu muri Rusangi.