• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ububeshi bw’umukuru w’igihugu c’uburundi, bubandanya kumenyekana mu makungu. Abo agenda arabesha hirya no hino kwisi bakaba babandanya kubishira ahabona

Ububeshi bw’umukuru w’igihugu c’uburundi, bubandanya kumenyekana mu makungu. Abo agenda arabesha hirya no hino kwisi bakaba babandanya kubishira ahabona

Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’uburundi, ariko araba rurangiranwa kw’isi ko ari umubeshi, umufungakiwani kasisa nkuko biriko biravurwa n’abamwe n’abandi. Uburorero bukaba bubandanya kuja ahabona, aho abo ababesha badatinya kubivuga ko batangazwa n’ingene iyo bariko baravugana, ngo bayaga neza ariko ngo mukanya gatoya akama acakora igihushane civyo aba yaganiriye n’abantu.

Nta gihe kinini cari kihaciye abarongoye umuhari M23, bagirije umukuru w’igihugu c’uburundi, ko yababeshe mu kubumvisha ko ashigikiye inzira yamahoro, ariko bakaba bakubiswe n’inkuba bagiye babona abasirikare b’uburundi, Imbonerakure bifadikanya n’iyindi mirwi mukurwanya abarwanyi b’umuhari M23. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Bertrand Bisimwa arongoye uyo muhari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Inyuma yaho, Evariste Ndayishimiye yaremereye amashirahamwe mpuzamakungu ko azorekura umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye, ariko bidatevye yamukubiseko igihano co kumuheza mu munyororo atitaye kubuswahiri butandukanye yabeshe amashirahamwe mpuzamakungu ko azomupfungura. None ejo haheze naho, Umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame, yaraye amenyesheje mu kiganiro ko Evariste Ndayishimiye yamubeshe ko atazorungika abasirikare b’uburundi muri Congo kurwana kuruhande rwa Leta ya Congo yamara ngo agaheza akabarungika.

Nkuko vyaraye bishikirijwe na Paul Kagame, yamenyesheje ko yamuterefonye akamubwira ko igihugu c’iwe c’u Rwanda gifise amakuru ko ingabo z’uburundi ziriko ziritegura kwinjira muri Kongo, kandi ko bishobora kubangamira umutekano w’urwanda no mukarere, mugihe boja kwifatanya n’interahamwe za FDLR ku mupaka w’urwanda n’uburundi. Amenyesha ko Perezida Ndayishimiye yamurahiye ko atavyo uburundi buzokora, ico gihe umukuru w’igihugu c’urwanda ngo vyaramushimishije ngo yibwira ko yihenze. Ariko umukuru w’igihugu c’u Rwanda amenyesha ko mugihe c’indwi zibiri gusa, ingabo z’uburundi zari zimaze kwinjira muri Kongo. Kubwiwe akabonako muri kano karere ngo hakiri ubutegetsi bwubakiye k’ubwoko, ico mbere ngo akaba ari naco  gihuje ubutegetsi bwa Ndayishimiye,ubutegetsi bwa Tshisekedi hamwe na FDLR. Ibi umukuru w’igihugu Paul Kagame akaba yabivugiye mu kiganiro yagiranye n’umumenyeshamakuru wa Jeune Afrique.

Tubibutseko haciye igihe Leta y’uburundi yagiriza leta y’urwanda gushigikira umuhari Red-Tabara, ariko leta y’urwanda nayo ikagiriza Leta y’uburundi gukorana n’interahamwe zagirizwa kuba zarakoze ihonyabwoko mu Rwanda mu mwaka w’1994. Aho ni mugihe muri uyu mwaka ubutegetsi bw’uburundi bwagirije vyeruye ubutegetsi bw’urwanda kuba buri inyuma y’ibitero vyabaye mu mwaka uheze no muri uyu mwaka muri zone ya gatumba n’ I buringa. Leta y’uburundi ikaba imaze igihe yarasubiye gupfunga imipaka bihana n’igihugu c’urwanda.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !