Imirwi itandukanye y’abarundi, ngo yaratanguye kwigwanira, vyaraye bivuzwe na Alexis Sinduhije umukuru w’umugambwe MSD
Ari mu kiganiro yahaye bagenzi bacu bo mw’itororokanirizo ry’amakuru « Le Mandat » cabaye mu rurimi rw’igifaransa, Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD yamenyesheje ko imigwi itandukanye y’Abarundi yamaze gutangura urugamba rwo kubohoza igihugu C’uburundi. Uyo munye politique akaba yagize ati : Urugamba rwo kwigwanira rwaratanguye kandi ndazi neza ko rutazohagarara. Akaba yabandanije agira ati : Muri urwo rugamba, hariho abahisemwo gufata ibirwanisho. Hariho abandi, nanje ndimwo, umugambwe MSD n’iyindi migambwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike batari bake, batanguye kwigwanira. Twese hamwe rero dufise intumbero yo kugondoza abategetsi b’Uburundi bakaza ku meza y’ibiganiro kugira ngo igihugu gitunganywe hisunzwe demokarasi nyayo.
Kubwa Alexis Sinduhije, abona ko ica mbere umugambwe MSD ushira imbere mugihe woshika kubutegetsi, ngo n'ukugarukira amasezerano y’amahoro no kunywanisha abarundi y’i Arusha. Ku bwiwe, ayo masezerano niwo mushinge ukomeye kandi yotuma umutekano ugaruka mu gihugu. Sinduhije akaba yakoresheje aya majambo ati : « intwaro ya demokarasi yokuraho ico nita indwara ya kanseri ishingiye ku macakubiri y’amoko. Ukuri ku mabi yakozwe muri kahise gutegerezwa kuja ahabona, ubutungane bukigenga, igiturire kikaranduranwa n’imizi, Abarundi bagatera imbere, abana bacu bakarya gatatu ku musi nk’abandi bo mu bindi bihugu.
Umukuru w’umugambwe MSD Alexis Sinduhije, akaba abona ko kubishikako bishoboka, ngo kuko igihugu c’ Uburundi ari igihugu c’ijunja. Akavuga ko Uburundi butazanywe n’abakoroni ahubwo Uburundi bwabayeho imbere y’umuzo w’Abadagi. Kuriwe ngo Uburundi n’Urwanda vyari ibihugu vyifashe mu karere. Ngo naho Abarundi baaraciye mu makuba muri kahise ariko ngo baaravyifashemwo neza. Akibutsa ko Abarundi barwanije ubuja kandi bagatahukana intsinzi. Ngo Abakoroni b’Abadagi ntibavogereye uburundi ku musi wa mbere nk’uko babigize ahandi. Abarundi ngo barirwaniye bikomeye mu kiringo c’imyaka itanu. Ngo bararwanije intwaro y’ubukoroni barayitsinda. Ngo naho uno musi abarundi bahanzwe n’ingorane nyinshi ngo ariko basenyeye ku mugozi umwe bose ngo barashobora gutsinda.
Nayo mugihe umugambwe CNDD-FDD wahonyanze amasezerano atari make harimwo ay’i Arusha, amakungu arorera akananirwa kubuza CNDD-FDD kubikora, Alexis Sinduhije abona ko Amakungu nk’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ubumwe bwa Buraya, ubumwe bwa Afrika, ishirahamwe ry’akarere EAC n’abandi, ngo aterera, ngo ariko ayo makungu ngo arafise aho ageza. Aho ageza rero ngo niho Abarundi baca bayakorera mu ngata. Amakungu kandi ngo arashobora kwiyamiriza ubwicanyi, agatotezo n’ayandi mabi Abarundi bariko barakorerwa n’abategetsi ngo ariko ntashobora kurwana mu kibanza c’Abarundi. Sinduhije akibutsa ko n’aho yabigize acerewe, ngo amakungu yariyamirije intwaro karyanishamiryango yo muri Afrika y’Epfo ariko ngo ntiyashobora kurwana mu kibanza c’abirabure canke abanyagihugu ba Afrika y’Epfo. Abanyafrika y’Epfo ngo nibo bonyene bategerezwa kwikurako iyo ntwaro karyanishamiryango ya Apartheid. Ku biraba Abarundi, ngo nta wuzoza kurwana mu kibanza cabo. Ngo baratanguje urugamba, ngo hariho abari mu mashirahamwe yigenga, ngo hariho abari mu migambwe, ngo hariho n’urwaruka rwahisemwo gufata ibirwanisho. Ngo bose hamwe n’ukwirwanira. Ngo kuko basanze amakungu afise aho ageza.
https://youtu.be/n5N-ycfRnoM
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.