Abarundi baributse, kuri uyu wa gatandatu, imyaka 30 irangiye umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira agandaguwe.
Uko umwaka utashe igenekerezo rya 06 Ndamukiza wama ari umusi wo kwibuka mu gihugu cose ku barundi eka n’abanyamahanga, igandagurwa rya Cyprien Ntaryamira yagandaguwe itariki 06 Ndamukiza 1994. Uyu mwaka uyo musi ukaba washitse ku musi wa gatandatu uheze, akaba ariho abarundi twibuka imyaka 30 iheze umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira aguye mu ndege y’igihugu c’urwanda yakorowe ku mugoroba w'uwa 06 Ndamukiza 1994 ico gihe akaba yarikumwe na mugenziwe Juvenal Havyarimana yari umukuru w’igihugu c'Urwanda.
Nkuko bisanzwe abategetsi batandukanye kuva kumukuru w’igihugu gushika no kuzindi nzego, ntibasiba gutonda mu masengesho yo kwibuka abategetsi beneba bitavye Imana, bakongera mbere bakaja no gushira ingori z’amashurwe kuntatemwa zabo. No kuri uyu wa gatandatu niko vyagenze. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umukenyezi wiwe, umukuru w’inama nshingamateka, umukuru w’inama Nkenguzamateka, icegera c’umukuru w’igihugu, umushikiranganji wambere hamwe n’abandi bategetsi batandukanye harimwo abahoze ari abakuru b’igihugu, abahoze ari abatambukanyi babakuru b’igihugu bitavye Imana, abasirikare bakuru eka n’abandi bategetsi bakorera munzego zitandukanye harimwo n’abarongoye imigambwe ikorera mu Burundi, hadasigaye inyuma abaserukira ibihugu vyabo mu burundi bari bitavye ayo masengesho, bongera baja no gushira ingori zamashurwe kuntatemwa ya nyakwigendera Perezida Cipiriyano Ntaryamira.
Ariko ikibabaza abanyagihugu batari bake, ngo ni ukubona abo bategetsi bagenda mu misa bakongera bakaja gushira ingori zamashurwe kubategetsi bibukwako ibintu bihambaye bakoreye igihugu, yamara ngo bagaheza bakabandanya gukorera amabi igihugu ngo ntibigere bahinduka ngo biyumvire gukora ivyiza nkivyo abo bagiye kwibuka baba barakoze. Ivyo abo banyagihugu babona nko gutakaza umwanya ngo kuko atakintu nakimwe bimaze.
Akarorero batanga ngo kukaba ari ukubona Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe barunamiye Cyprien Ntaryamira aho ashinguwe, yamara ngo ntibibuke iragi yipfuriza igihugu ryo kugarukana Disipirine mu gihugu no mu bisata bitandukanye vy’igihugu. Kubwabo bati uyu musi uravye aho igihugu kigeze ngo hari hakenewe umukuru w’igihugu nka Cyprien Ntaryamira ashobora kugarukana Disipirine mu gihugu ngo kuko ibintu vyose mu gihugu vyahindutse akajagari. Bakavuga ko aho bigeze umugambwe CNDD-FDD utagishoboye gusubiza ibintu ku murongo, ko rero ari akaryo keza kuko abarundi bafatana munda bakwanira Disipirine itariko iraboneka bari barazwe n’umukuru w’igihugu Cprien Ntaryamira.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.