• Home
  • ACTUALITÉS
  • Kubuza abantu kuvuga no gukora bisa no kubapfunga, Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura Gervais Banshimiyubusa

Kubuza abantu kuvuga no gukora bisa no kubapfunga, Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura Gervais Banshimiyubusa

Mu birori vyo kwibuka umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira, habanje kuba imisa yitabwe n’indongozi z’itandukanye z’igihugu. Iyo nkuka y’imisa yaherejwe n’umwungere mukuru wa diyoseze ya Bujumbura, Musenyeri Gervais Banshimiyubusa, yibukije abo bategetsi ko ivyabaye muri kahise k’Uburundi vyobatera kwikebuka ntihame hakorwa ivyabandi bakoze vyashikanye habi Uburundi. Akaba yahanuye n‘abarundi gukura icigwa ku vyabaye, ntibame bakora ivy’abandi bakoze kandi babona aho vyagiye birashikana igihugu. Gervais Banshimiyubusa yabasavye no kwibaza niba ababona kandi bakavuga ko agatima ko kugomba kugira umurwi w’abantu wihariza, ukigungana ubutegetsi ubanje gukumira abandi bose, mu buryo bwose bushoboka, kariko karabinjirana boba barira busema.

Uwo mwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, yamenyesheje ko mu burundi hacibonekeza ikumirwa rya bamwe muri politike, ukutigenga k’ubutungane hakaba mbere hibonekeza amashirahamwe make cane n’imigambwe ishobora kwubahuka kugira ico ivuze kuri iyi ntwaro. Nkuko vyashikirijwe na Musenyeri, ivyo Melchior Ndadaye na Cyprien Ntaryamira barwaniye ninavyo n’uyu musi mu Burundi bizingamitse igihugu n’abanyagihugu.

Nkuko yabandanije abishikiriza, yavuzeko uko biri kwose Leta ya CNDD-FDD ikwiye kuraba igafatira akarorero keza k’untwari zarwaniye ukuri kugira tube dushitse aho tugeze uyu musi. Abari bitavye iyo misa haba mubategetsi b’igihugu kuva k umukuru w’igihugu gushika mbere no kubandi banyagihugu, hadasigaye inyuma n’abashoboye gukwirikira izo nsiguro za Musenyeri Gervais Banshimiyubusa, bavuga ko uyo mukozi w’Imana ngo yasa nuwuriko aramena igihute kitarasha, ngo kuko iyaba igihugute cari kimaze gusha, ngo ako kanya nyene abanyagihugu bari guca bahaguruka bakiyamiriza ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye, ngo bakaruhuka babwirukanye ngo kuko ivyo yashikirije atakintu nakimwe kivuyemwo mubizingamitse uburundi n’abarundi.

Naho biri uko bamwe mubo twaganiriye, bamenyesha ko uko bigenda kose abarundi batazoruhuka batisubije umutamana ngo baharanire ko ibintu bihinduka mu Burundi ngo na cane cane gukuraho intwaro ya CNDD-FDD ngo kuko imyaka imaze bitagishoboka ko yohinduka igakorera igihugu ikongera igakora kuneza y’abanyagihugu. Abandi nabo batubwiyeko igihute kitarasha neza, ngo yamara kiriko kirakura ngo hari umusi kizomeneka.

Inkuru yanditswe na King Blaise IRANZI.

Partager cet article !