Kuri uyu w’Imana inama y’Abepiskopi Katolika b’iburundi yarungikiye ubutumwa abakiritsu bose hamwe n’abarundi bose muri rusangi
Muri ubwo butumwa, Ica mbere kibahagaritse umutima ni ugutsimbataza umwizero mu ntwaro iha ijambo igatunganiriza bose
Kubwabo Bungere ba Ekereziya Katolika, bagira bati : Muri kahise k’iki gihugu cacu, turazi ukuntu Uburundi bwaguye kenshi mu kaga bivuye ku gatima ko gukumirana n’ukwikwegerako ubutegetsi bwose. N’ubu tugumana umwitwarariko, kuko hibonekeza ibimenyetso vy’uko hariho abipfuza intwaro yotugarukana ku ndinganizo ishingiye ku mugambwe umwe. Birakenewe rero ko hatsimbatazwa intwaro iha ikibanza imigambwe yose, harimwo n’iyidahuje ivyiyumviro n’uwuri ku butegetsi, gurtyo Abarundi bose bagashobora gushikiriza iryo bafise ku mutima no mu bimenyeshamakuru vy’igihugu, bagatunganya amanama bakurikije amategeko, ata kuburagizwa. Gutunganya amanama n’ugushikiriza icese ivyiyumviro ntibihagije, mu gihe Abarundi batoba bafise umwidegemvyo wo gutunganya ukuntu baja hamwe bakiteza imbere bateza imbere n’itunga rusangi. Ivyo bishizwe mu ngiro, ni ho twoba turiko turitegurira neza amatora twimirije kugira ngo abe amatora atawe akumira, akorewe ahabona kandi mu mwidegemvyo, ibiyavuyemwo bikemerwa ata gahigihigi.
Abo Bungere ba Ekereziya Katolika babandanya bagira bati : Amajambo n’ingingo zishingwa ntibishirwe mu ngiro bituma abenegihugu batizera inzego, na cane cane ko abashinzwe amabanga badaheza ngo baze barashikiriza icese ingene bariko bararangura amabanga bashinzwe n’ivyo bariko barashikako. Ko Leta yashimye kwitwa « Leta Mvyeyi », yotsimbataza ako karangamutima gute idashoboye kwumviriza n’ugutunganiriza bose, kugira ntihahave haba bamwe bumva ko bakumiriwe ? Mu gihe abatari kumwe n’umugambwe uri ku burongozi bw’igihugu bafatwa nk’abansi maze ntibashobore n’ugushingwa amabanga ngo baronke akazi kandi babifitiye ubumenyi n’ubushobozi, biraheza bikagorana guharanira itunga rusangi. Birakenewe rero ko Abarundi basubira kuganira neza ingene intwaro yoha ijambo bose, igatunganiriza bose, gurtyo ikagenda iremesha umwizero mu burongozi.
Ica kabiri kiraje ishinga Abungere ba Ekereziya Katolika ni ugukomeza inagurwa ry’urwego rw’ubutungane
Kubwabo, babona ko abarongozi b’igihugu, uhereye ku Mukuru w’igihugu, badasiba gushikiriza ingaruka mbi z’ukudahana. Uko kudahana kwimonogoza, ni ko abanyagihugu bata umwizero mu rwego rw’ubutungane, maze bakagenda bacika intege, bakihebura, bagatangura kugomba kwihanira, ugasanga baraguye no mu vyaha bikomeye. Hariho rero n’abacamanza canke abandi bo mu bisata vy’urwego rw’ubutungane bafitiye ubwoba umutekano wabo, kubera igitsure ca bamwe bamwe mu bategetsi, maze bagahava bemera guhemuka kw’ibanga aho guhagararira ukuri n’ingingo.
Nkuko biboneka muri urwo rwandiko rwarungikiwe abakirisu, bavuga ko ikibazo c’ubutungane ngo kiranafatiye no ku kuntu amabanga n’akazi bitangwa n’inzego za Leta. Bakagira bati: Turumva abantu batari bake bidoga ko mw’itangwa ry’akazi hatarabwa ubumenyi, ubukerebutsi, ubuhinga n’ubushobozi, ariko ko harabwa cane cane umwete wo gukorera umugambwe uri ku butegetsi canke ugutanga ibiturire. Ivyo bituma irangurwa ry’imirimo umuntu ashinzwe ridafatira ku bumenyi, ubukerebutsi n’ubushobozi, ivyo vyose bikagira ingaruka ku mwimbu, ugasanga igihugu giha agahembo ibinebwe n’abariko baragisahura, maze ukurya igiturire kukagenda kwimonogoza.
Bakabonako vyari bibereye ko indongozi be n’abajejwe ubutungane ku nzego zose, bava hasi bagakora, kugira ngo Umurundi eka n’uwuba mu Burundi wese atunganirwe, uwarenganijwe arenganurwe, atekanirwe mu biwe no mu vyiwe. Nkako nk’uko twabivuze, uko kwose habaye akarenganyo ntigahanwe, ni ko agahinda n’umwikomo bikomera mu bantu bigahava bivyara induru n’indwano.
Ica gatatu gihagaritse kandi Abungere ba Ekereziya Katolika, ni ugutsimbataza umutekano ukingira ubuzima bwa zina kiremwa muntu
Abungere ba Ekereziya Katolika, bavuga ko umutekano ari itunga rihambaye ku muntu uwari we wese. Kwumva mu gihugu cacu hakiriho abantu bicwa bunyamaswa canke bakagenda amazimayongo kubera politike canke izindi nyungu izo ari zo zose, ni ibintu biteye agahinda. Tuboneyeho akaryo ko gusubira guhoza ababuze ababo mu bihe bishize. N’iyo umuntu yoba afashwe n’inzego zibijejwe, bitegerezwa gukorwa hisunzwe amategeko, umuntu agapfungirwa ahantu hazwi kandi hashobora gushikwa n’abo mu muryango wiwe.
Kubwabo, gucungera umutekano muri ya ndinganizo y’inyabune ni nkenerwa mu gihugu. Ariko inzego z’umutekano zibwirijwe kwumva ko ari zo za mbere zishinzwe gukingira abenegihugu n’utwabo.
Abo bungere ba Ekereziya Katolika, bavuga ko batovuga ivy’ugutsimbataza umutekano ngo bareke gutera akamo abantu bagifise iciyumviro co gusesa amaraso y’abantu bitekaniye, ivyo bakabigira nk’uburyo bwo gushikiriza ivyiyumviro vyabo canke guharanira ivyicaro vya politike. Turahamagariye uwo wese yoba afise ako gatima gutumbera inzira zubaka igihugu zubahirije ubuzima bw’umuntu n’agateka kiwe, hagakomezwa ibiganiro n’ukuja inama n’ingingo.
Ica kane giteye uruhagarara Abungere ba Ekereziya Katolika, ni ikibazo c’ubukene mu benegihugu
Bavuga ko bashima ko inzego z’igihugu zikora uko zishoboye ngo umwimbu mu burimyi n’ubworozi ugende wiyongera. Ngo mugabo biraboneka ko ubutunzi bw’igihugu butarifata neza. Nkako, iduga ry’ibiciro, ifaranga ry’Uburundi ribandanya rita agaciro, ukubura kw’ibitoro n’ibindi bisumwa nkenerwa mu buzima bwa misi yose, ubushomeri, biri mu bintu bituma abantu batari bake baba mu bukene kandi buguma bwiyongera. Birakenewe ko ikibazo c’ubukene kibandanya cigwa neza, maze inzira z’ukuva mu bukene zishikirijwe muri ivyo vyigwa n’ibiganiro zigashirwa mu ngiro, kandi hakaza harasuzumwa ingene ibintu biriko biratera imbere.
Kuribo, babona ko inzira yo kuronka amahoro mu mitima yacu, abantu bave mu mwiheburo, ni ngombwa ko itunga rusangi ricungerwa neza n’inzego zibijejwe, rigakoreshwa ku neza ya bose, abanyonozi bagasubiza ivyo bivye kandi bikamenyekana ko bafashwe bagahanwa.
Ivyo rero bikaba ari bimwe twakuye mu nyigisho vyari vyategetswe ko isomwa uyu musi kw’idominika ya 3 ya Pasika mu kibanza c’inyigisho y’umusaserdoti.
Inkuru yateguwe ikandikwa na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.
https://www.eglisecatholique.bi/index.php/fr/vie-de-l-eglise1/messages/inyigisho-y-abepiskopi-gatolika-b-i-burundi-ku-musi-w-imana-ugira-gatatu-wa-pasika