• Home
  • ACTUALITÉS
  • Naho umuhari Red-Tabara utaravyemanga, amakuru Radio-Haguruka imaze kuronka ni uko akazu karimwo icuma gishira ku rugero rwiza umuyagankuba mu Gasekebuye, Musaga, komine Muha mu gisagara ca Bujumbura, kasenyuwe n’abarwanyi ba Red-Tabara

Naho umuhari Red-Tabara utaravyemanga, amakuru Radio-Haguruka imaze kuronka ni uko akazu karimwo icuma gishira ku rugero rwiza umuyagankuba mu Gasekebuye, Musaga, komine Muha mu gisagara ca Bujumbura, kasenyuwe n’abarwanyi ba Red-Tabara

Akazu karimwo icuma gishira ku rugero rwiza umuyagankuba cane cane ukoreshwa muri karitiye Gasekebuye, zone Musaga, komine Muha mu gisagara ca Bujumbura karaye gahiye n' ibihari vyose, karasenyuwe ibirimwo bicika umunyota mw' ijoro ryo kumusi wa gatanu nk' igihe c' isaha zibiri  z' ijoro zirenga nk' iminota 15.  Umuyagankuba ukaba waciye ucika. Amakuru twahawe n’Abanyagihugu bahegereye, yatumenyesheje ko bumvise ikintu gituritse nk' ibombe. Muri iryo joro nyene bakaba baciye batangura guhanahana amakuru babwirana ibibaye naho bibeye, bakaba bari bafise amakenga ko badasubira kuronka amatara.  

Mu gihe bamwe mu bategetsi bagumye bamenyesha abanyagihugu kw' ivyo vyabaye ari impanuka isanzwe yaturutse ku muyagankuba, insiguro itigeze inyura abanyagihugu bazindutse kumusi wagatandatu bibonera ivyaraye bibaye ngo kuko ico cuma cari  kihamaze igihe kitari gito kitaragira ingorane, eka noneho ngo nticari gishaje ku buryo coteza ingorane. Ivyo mbere bikaba vyatumye Radio Haguruka igerageza kurondera impamvu yateye ico Kibazo.

Amakuru rero yashikiriye Radio-Haguruka, amenyesha ko ako kazu abandi bita Cabine y' umuyagankuba wa regideso gasanzwe Kari hafi y' ikambi ya Gisirikare bita Camp Muha, katewe n' umurwi w' abantu bivurwa ko ari abarwanyi ba Red-Tabara.

Ivyo mbere bikaba bigaragarira mu bimanyu vy'ako kazu k'umuyagankuba aho biboneka neza  vyasenyuwe n'ibombe, iyo bombe rero akaba ariyo bivurwa ko ariyo abarwanyi ba Res-Tabara bakoresheje mugusenyura no muguturira ivyari muri ako kazu mw' ijoro rya hirya y' ejo, bikaba mbere bibonekera  no kuruzitiro rwabomotse ruhitanywe n' ivyo bimanyu. Kugeza ubu, Reta y'Uburundi ntaco iravuga ku vyatumye ako kazu gasambuka, bigahitana n'ivyari i ruhande yako harimwo n'uruzitiro.

 Naho biruko, kuri uyu wa gatandatu uheze, ishirahamwe REGIDESO ryaragize ico rishikiriza rikoresheje umuhora wa X umuhora wahoze witwa Twitter. Mubutumwa iryo shirahamwe ryasohoye, bavuze ko ukuronka amazi bizohungabana muri ino misi mu gisagara ca Bujumbura. Muri ubwo butumwa babandanije bavuga ko mw'ijoro ryakeye ukuronka umuyagankuba biza guhungabana mu makaritiye ya Gasekebuye, Kinanira ya 3 n'iya 4, Kinanira_Haut, igice ca Kinindo yo mu burengero hamwe na Kabondo yo mu burengero. Aho hose ishirahamwe REGIDESO ryasigura ko vyatewe n'ibikoresho vy'umuyagankuba vyagize ingorane.

Ariko kugeza nuyu musi, ivyo bice vyose iryo shirahamwe ryadondaguye, ntamatara birasubira kuronka, ababa murivyo bice bagatangazwa no kubona abarongoye ishirahamwe REGIDESO badashobora kubwiza ukuri abanyagihugu ngo bababwire ikibazo kiriko kiratuma bataronka umuriro nkabandi banyagihugu.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !