• Home
  • ACTUALITÉS
  • Kumenyesha amakuru bibandanya kugorana, abamenyeshamakuru ntiborohewe mu kazi kabo. Umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru « La Nova-Burundi » arapfungiwe ahantu hatazwi

Kumenyesha amakuru bibandanya kugorana, abamenyeshamakuru ntiborohewe mu kazi kabo. Umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru « La Nova-Burundi » arapfungiwe ahantu hatazwi

Inyuma ya Froriane Irangabiye umumenyeshamakuru wo kuri Radio n’umumenyeshamakuru Sandra Muhoza, akorera ikinyamakuru « La Nova-Burundi » mu ntara za Ngozi, Kayanza, Kirundo na Muyinga, ntawuzi aho apfungiwe. Ivyamubayeko ntaho bitandukaniye no kumunyuruza nkuko bisanzwe bimenyerewe no kubandi banyagihugu. Uwo mumenyeshamakuru akaba n’umukenyezi, kuva mu masaha y’inyuma y’umutaga wo ku musi wa gatandatu, abo mu muryango wiwe canke abo bakorana ku kazi nta numwe aramukubita ijisho. Bose bamuhereka abasezera avuga ko agiye kwitaba umurwizatunga akomeye atarashobora kumenyekana amazina yiwe wo muri CNDD-FDD yari yamuhamagaye kugira ngo amuhe amakuru, kugeza ubu ntibarasubira ku mukubita ijisho.

Nkuko amakuru uruganda rwa Radio Haguruka rwarose abivuga, uwo mumenyeshamakuru Muhoza Sandra, yahoze akorera Radio Ntumbero Fm isamiranira i Ngozi, hanyuma akaza guhindura akazi akaja gukorera ikinyamakuru « La Nova-Burundi »  mu ntara zirimwo intara ya Ngozi, ni uko ari mu minwe y'igipolisi co ngaho i Ngozi nk’uko amakuru avahonyene mu giporisi abivuga. Bikavurwa ko abo mugipolisi c'aho i Ngozi babwiye uwo bubakanye ko gipfunze uwo mukenyezi kumvo z’amatohoza.

 Uyo mukenyezi asanzwe aba muriyo ntara ya Ngozi, icatumye abo mu muryango wiwe no mubo bakorana kukazi bahagarika imitima, ni ukubona terefone ngendanwa yiwe ibandanya ikoreshwa, kuburyo ihamagara yamara ntihagire uwuyitaba, ariko umuntu amurungikiye ubutumwa bwa WhatApp, hoho ngo agaheza akabusubiza ibituma bibaza ko iyo terefone ngendanwa yiwe ishobora kuba ifiswe n'uwundi muntu ashobora kuba ariko arayikoresha mu kibanza c’umumenyeshamakuru Muhoza Sandra, akorera ikinyamakuru « La Nova-Burundi ».

Ikindi gihagaritse imitima abo mu muryango wiwe, ngo ni uko naho igiporisi cababwiye ko capfunze uwo mukenyezi, ngo kitigeze kibabwira imvo camupfungiye nico yoba ariko arakorwako amatohoza, eka mbere no kuba kitigeze kibamenyesha n’ikibanza apfungiwemwo kugira ngo bashobore kumugemurira no kumubona nkuko amategeko agenga abapfunzwe asanzwe abitegekanya. Mugihe rero mu burundi abanyagihugu bama babura ababo biciye muri benubwo buryo, bagaheruka babwirwa ko ababo bapfunzwe ko bariko bakorwako amatohoza hanyuma ijisho rikaba iryo, n’umuryango wa Muhoza Sandra urafise ubwoba bw’umutekano wuwabo, kuko bavuga ko bamaze kumurondera mu busho bwose busanzwe buzwi, ngaho mu ntara ya Ngozi ariko bakamubura.

Abandi banyagihugu bumvise iyo nkuru yuwo mu menyeshamakuru, babona ko reta ya CNDD-FDD ibandanya umugambi wayo wo guterubwoba ibimenyeshamakuru n’amaradiyo kugira ngo iburagize uburenganzira bwabo bwo gushobora gushikirizwa amakuru yibibera mu gihugu cabo. Ngaha bakibutsa ibimenyeshamakuru vyaturiwe mu 2015 nayo abamenyeshamakuru babikoreramwo barenga 100 bakangazwa mu buhungiro, hatibagiwe abamaze kugandagurwa nka Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru iwacu. Muri kino gihe Muhoza Sandra akaba aje yiyongera kuwundi mukenyezi Froriane Irangabiye umumenyeshamakuru wo kuri Radio Igicaniro nawenye amaze igihe apfunzwe. Ivyo vyose bikaba biriko biraba gutyo mugihe umukuru w’igihugu yaheruka gutangaza ko ibimenyeshamakuru n’amaradiyo bigiye gukora ku neza yabanyagihugu na cane cane ko uburundi bwegereje amatora.

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !