• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ibigori watunukiye mu kubigurisha mu kigo ANAGESA ubanza gusabwa igiturire n’abatware bo ku mitumba mu ntara ya Muyinga

Ibigori watunukiye mu kubigurisha mu kigo ANAGESA ubanza gusabwa igiturire n’abatware bo ku mitumba mu ntara ya Muyinga

Abajejwe intwaro muri Komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga, barageramiwe kuko bamwe mubarongoye imitumba yiyo Komine bariko barafatwa bagapfungwa. Imvo n’ibiturire baka abanyagihugu kugira ngo bashobore kwemererwa kugurisha umwimbu wabo w’ibigori muri ca kigo ANAGESA cashirwaho na reta y’uburundi ngo kize kiragurira umwimbu w’ibigori abanyagihugu. 

Mubo tumaze kumenya bapfunzwe, akaba ari umukuru w’umutumba Kinanira Ramazani, akaba ari nawe arongoye Imbonerakure ku rwego rwa Zone Tora, Habimana Aimable, umukuru w’umutumba Rumandari abo bose hamwe n’abandi bagirizwa kwaka ibiturire abanyagihugu, hamwe no gufasha abadandaza kuzana ibigori babikuye mu gihugu ca Tanzaniya bagaheza bakabigurisha ku kigo ANAGESA. Abadandaza bakaba basabwa amahera atari musi y’ibihumbi amajana ane (400.000) n’ibihumbi amajana atanu (500.000) vy’amafaranga y’amarundi kugira bashobore kugurisha itoni cumi (10).

Kuri uyu wambere, abapolisi n’abajejwe intwaro bakaba biriwe baranyagara mu mitumba imwe imwe yo muriyo Komine Giteranyi, mu ntumbero yo kugirisha amanama no kwandika abanyagihugu basabwe igiturire kugira ngo bashobore kugurisha umwimbu wabo.

Bamwe mubanyagihugu twaganiriye, bavuga ko kuva uburundi bwitwa uburundi ngo aribwo bwambere babonye intwaro ibakandamiza kugeza naho no mukugurisha utwo wabiriye akuya ubanza gutanga igiturire. Kubwabo ngo sibo bazobona iyo ntwaro ibavuyeko.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !