Inyuma y’ivyaraye bishikirijwe n'abungere b' Ekleziya Gatolika b'I Burundi, bamwe n’abandi bariko barashimangira ko ivyashikirijwe ari ukuri kuzuye
Kubwa Gabriel Banzawitonde arongoye umugambwe APDR, nawenyene ari mubashigiye ivyaraye bishikirijwe nabo bihebeye Imana, avuga kwivyo baraye bishikirije vyinshi babihurizako ko hakenewe k' umwe wese yumva ibimuraba, ngo hanyuma arivyo akosora abikosore. Yamara, uwo arongoye umugambwe APDR abona kw' abo basenyeri nabonyene bari bakwiye kwerekana muri iryo jambo uruhara rwabo m'uguterera kugira ivyo bibazo bisubiza inyuma demokarasi bitore inyishu irama, kandi kugira ibintu bigende neza.
Gabriel Banzawitonde, akaba yagarutse kubijanye n’ihohoterwa rikorerwa abarundi, akaba yemeza ko hariho abantu batandukanye bagiye barafatwa mu buryo buteye kubiri n'amategeko. Akaba yatanze akarorero kabo yibuka bafashwe mu buryo bunyuranye n’amategeko. Uwo munyapolitike agasaba ababijejwe cane cane inzego z'igihugu zitandukanye gufatira kuri ivyo Abasenyeri katorika bashikirije kugira babitorere inyishu vuba bwango.
Ni mugihe Abanyagihugu bakwirikiye ubutumwa baraye bashikirijwe n'abungere b' Ekleziya Gatolika b'I Burundi, bavuga ko ikintu ngo cari kigize iminsi kibahotora ku mitima, ngo bahora bagendana nki ibisebe ngo vyeyuwe n’ubutumwa baraye bashikirijwe nabo bungere. Bakavuga bati ese Imana yohondagura imitima yabategetsi baraye bashikirijwe ubwo butumwa nabo bakabukorerako maze abarundi bakaruhuka. Ariko abandi nabo bakabonako imitima yabategetsi b’uburundi ngo yamaze guhinduka nkamabuye ngo ntigishobora guhindurwa n’ubutumwa buciye mw’ijambo ry’Imana ngo kiretse inguvu gusa nizo zoshobora kugira ico zibahinduyeko.
Inkuru yanditswena Ninette Nancy MUTONi.