• Home
  • ACTUALITÉS
  • Annanias Niyitanga Chef de Zone Ryarusera muri Komine Muramvya aragirizwa kuba yamaze ibikumbu vya reta abikoramwo amakara akoresheje amanyanga

Annanias Niyitanga Chef de Zone Ryarusera muri Komine Muramvya aragirizwa kuba yamaze ibikumbu vya reta abikoramwo amakara akoresheje amanyanga

Uyo yagirizwa ubusuma bw’ibiti n’abanyagihugu bo muri zone Ryarusera iri muri commune n’intara ya Muramvya, azwi kumazina ya Niyitanga Annanias. Uretse ko asanzwe azwi nk’umunywanyi akomeye w’umugambwe CNDD-FDD, ninawe asanzwe arongoye Zone Ryarusera. Nkuko amakuru uruganda rwa Radio-Haguruka rufise abivuga,  ni uko uyo umukuru wa zone Ryarusera ariko aratema atongora ibikumbu vya reta abicamwo amakara afadikanije n’abakuru bimitumba ya Gishubi hamwe na muhweza, hadasigaye inyuma Imbonerakure yitwa Gérard nsavyimana isanzwe yarahawe akazi ko gucunga ivyo bikumbu vyibiti vya reta vyari vyatewe kuntwaro ya Perezida Bagaza.

Nkuko ayo makuru dufise abivuga, izo nzego zigizwe ni umukuru wa Zone, Niyitanga Annanias, umukuru w’umutumba wa gishubi Nzeyimanana, umukuru w’umutumba Muhweza azwi kwizina rya Bampora Jean Paul bafadikanije n’imbonerakure izwi kwizina rya Nsavyimana Gérard. Nibo muri kino gihe bihagiye ibipimo vyibiti vya reta bakaba birirwa barabituriramwo amakaranga. Amafaranga bakuyemwo bagaheza bakikubitira kuwinyuma. Nkuko tubandanya tubirwa nabo banyagihugu, ikibabaza gusumba ibindi, ngo ni ukubona n’ibiti bikiri bitobito vyariko birakura, ngo navyonyene birigirwa barabica bagaheza bakabigira ibirembezo vy’ibiharage n’ubwishaza atacamira.

Nkuko amakuru twarose abandanya abivuga, Imbonerakure Nsavyimana Gérard, yari asanzwe yarahawe akazi ko gucunga ivyo biti, wewe ngo iyahejeje gutema ivyo biti, ngo acagenda kurondera ababimugurira ngo kugira nabo bagende kubirembeza ibiterwa. Nkuko babivuga umuganda umwe ngo akaba awugurisha amafaranga ibihumbi (3.000) vyamafaranga y’amarundi. Abo banyagihugu bakaba bavuga ko ku musi bagereranije ko ashobora kugurisha ibiti bamuha amafaranga ari hagati y’ibihumbi mirongo ine (40.000) hamwe n’ibihumbi mirongo itanu (50.000).

Mugihe abo banyagihugu bo ku mitumba igize Zone Ryarusera ngo gushika nuyu musi babandanya kwishuza, Imiciro yabo bari bemerewe n’abategetsi batandukanye barimwo Buramatari w'intara ya Muramvya, yamara ngo gushika n’uyu musi bakaba batarayiroswa, mbere hakaba haheze imyaka ibiri (2) yose kandi baratanze n’amafaranga yabo angana n’ibihumbi ijana na mirongo itanu (150.000), baribaza uwo bazokwitura n’uwuzobarenganura bakamubura mugihe na Musitanteri wa Komine Muramvya atarigera ahahonyoza n’ikirenge ngo arabe iryo bara ririko riraba bene umurango barorera. Bagasaba umukuru w’igihugu kunyarukira muriyo Zone akabatunganiriza ngo kuko abandi batware bose ataco babona bariko barabafasha.

Abandi banyagihugu nabo bariko baribaza nimba abategetsi bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD kuva hejuru gushika hasi bazorya ibintu vyose vy’igihugu bakabiheza ataco binona bikabasiga. Bati birababaje kubona abantu bamaze imyaka hafi 20 kubutegetsi aho kurwiza ibikumbu vy’ibiti babandanya kurya no gutema ibiti vya reta bidakurikije amategek, na cane cane ko ibiti bariko baratema ngo vyatewe na Perezida Jean Baptiste Bagaza. Ngo aho bigeze bakwiye gukinjura ntakinti kigisigaye.

 

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

 

 

 

 

 

 

Partager cet article !