• Home
  • ACTUALITÉS
  • Naho ari ishami ry’umugambwe CNDD-FDD rikorera mukwaha kwayo, ririyamiriza itegeko rigenga amatora riheruka gushirwaho ko rinyuranye n’ingendo ya demokarasi

Naho ari ishami ry’umugambwe CNDD-FDD rikorera mukwaha kwayo, ririyamiriza itegeko rigenga amatora riheruka gushirwaho ko rinyuranye n’ingendo ya demokarasi

Jacques Bigirimana ni umukuru w’umugambwe FNL, akaba ari umwe mubarongoye imigambwe ikorera mu kwaha kumugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD. Ni imigambwe yashizweho kandi ishigikiwe n’ubutegetsi kugira ngo ize irakoreshwa igihe cose bikenewe ko reta ihamagara ubwinshi bw’imigambwe baba bakeneye ko iza gushigikira ingingo n’ivyiyumviro vy’umugambwe uri kubutegetsi. Kubwiyo migambwe ivyo kugira abanywanyi canke kutabagira ntakintu nakimwe biba biyibwiye kuko abarongozi bayo bama barindiriye kuroswa ikibanza cakazi aha canke hariya.

Nkuko rero imirwi itandukanye yiyamirije itegeko rigenga amatora riherutse gushirwaho, nuyo mugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana, naho ukorana ukongera ukaba ushigikiye ubutegetsi bwa CNDD-FDD, waraye wiyamirije wivuye inyuma iryo tegeko rizogenga amatora yo mu 2025 hamwe nayo mu 2027. Jacques Bigirimana ati twebwe dufata ko Reta yaturenganije, kuba imigambwe itagishijwe inama. Kubwiwe iyo ingingo yo kuduza ingwati z’abazitoza ntibayakiriye neza na gato. Akamenyesha ko bari biteze y'uko ingingo nk’izo zibanza guca mu nama n’ingingo, bagahamagara imigambwe, ngo hanyuma bakavyumvikanako.

Uyo bisanzwe bizwi neza ko akorera umugambwe CNDD-FDD, arongera akamenyesha ko ivyo bariko baravuga bidasigura ko imigambwe itanga intumbero muri Reta, ngo yamara nk’uko amategeko ya demokarasi abitegekanya, ngo Reta n’imigambwe baraja inama n’ingingo igihe cose hagira hafatwe ingingo zikomeye ziraba ubuzima bw’igihugu. Ngo kubona rero ico kintu batigeze bakiganirako nk’imigambwe ngo nagahaze. Sivyo gusa, ngo kuba caraciye mu nama nshingamateka ngo kigaheza kikarengana gutyo nyene, ngo bafata ko Reta yabarenganije, ngo kuko bari kugira ico baterera.

Kurundi ruhande, umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe wewe avuga ko icerekeye ingwati, bitumvikana ko umuntu ngo yoshobora kuvuga ko azokwiyamamaza mu kibanza c’umukuru w’igihugu adafise abamushigikiye. Akavuga ko abamushigikiye aribo bashobora gutanga intererano ya zirya miriyoni ijana z’ingwati hanyuma uwo yitoza agaheza akazironka akabona kw’itoza. Gerase Ndabirabe atabanje no kwiyumvira amarira n’amaborogo abanyagihugu birirwa baravuza kubera ibibazo umurengera birimwo ubukene buzura inzara, yamenyeshe ko Abarundi bafise amafaranga menshi cane mu mazu. Kubwiwe ngo muri BRB nta mahera ariyo yamara ngo amafaranga abantu barayafise. Akaba yemeza ko nikigaragaza ko bayafise ngo ni ingene abantu bariko barubaka amazu hirya no hino mu gihugu ngo hadasigaye inyuma no hagati mu gihugu. Akavuga ko bitumvikana ahandi hantu bakura amahera, ngo ahubwo bubaka amazu kubera bayafise.

Kubwabanyagihugu bashoboye ku mukwirikirana, bamenyesha ko imvugo benizo, ataho zitaniye no gukindaga abarundi ngo kandi ni ukubakora mu nkovu bafise zibibazo baterwa n’intwaro yabo. Kubwabo bakavuga ko Abarundi muri kino gihe bataronka igitoro, ngo ntibaronke amazi n’amatara, ngo bakaba bataronka isukari, nayo ngo ubukene n'inzara bikaba bibarembeje mbere ibiciro biguma biduga kubera ifaranga ry’uburundi riguma rita agaciro, ko rero ayo amahera bivurwa ko bafise atayo bafise.  Kira noneho ngo ivyo vyamatora bivugwa ntibiraba abarundi ngo kuko basanzwe bazi ko ivyo bariko barategura atari amatora nagatoya.

Ivyo bakabivuga bafatiye kubivurwa n’imirwi itandukanye yabarundi,  irimwo abanye politique berwa nayo matora botegerejwe kuyajamwo, eka noneho ngo n’ibihe igihugu kirimwo, amategeko ariko arashirwaho, hamwe n’abagize umurwi CENI witwa ko ariwo uzoyahagarikira  ngo ucutahura neza yuko ivyo vyamatora bivurwa bishobora kuba vyerekeye canke biraba gusa umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umugambwe wiwe CNDD-FDD gusa. Bongerako ko batabona n’akamaro ko kwirirwa barabatesha umwanya ngo bonona amafaranga ngo bariko barategura amatora. Ngo nibabishaka ngo ni babandanye bashire mu bibanza abo bashaka nkuko babiteguye.

Kubwabo barundi, barangiza bamenyesha ko ivyabaye mu matora yo guhindura ibwirizwa nshingiro mu 2018, ivyabaye mu matora yo mu 2015 ngo hamwe n’ivyabaye mu 2020, ngo vyerekana ko atamatora meza barindiriye mu burundi. Ngo ahubwo bakwiye gufatana munda ngo bose hamwe bakarwanira ko hatunganywa amatora nyamatora atandukanye n’inkinamico zimaze imyaka zitunganywa na CNDD-FDD zububeshi butagira izina.

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

 

 

 

 

 

 

 

 

 

kanya ko gutera akamo abarundi bose ko batobandanya basamazwa nabo bategetsi bababwira ivyerekeye amatora atari amatora kuko barabonye ko base ko ibwirizwa nshingiro rihinduka mu 2018 mugabo ko kitabujije ko barihindura bakiyandikira ibintu vyabo. Ntibakwiye gusamazwa nivyo bita amatora atari amatora kuko barabonye ko mu 2020 bahana bakongera bakabakura kubutegetsi biciye mu matora mugabo amajwi yabo akibwa, uyu musi rero nibitegurire kurwanira uburenganzira bwuko hatunganywa amatora nyamatora atandukanye nizo nkinamico zimaze imyaka zitunganywa na CNDD-FDD.

 

 

 Barubaka hirya no hino, no hagati mu gihugu. None bayakura hehe ? Si kubera bayafise

 

: https://lc.cx/CZ487T.

Naho vyumvikana ko abanyamigambwe bamwe bamwe batashimishijwe n’iyo ngingo, umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe we agira ati : "Icerekeye ingwati, woshobora kuvuga ko uziyamamaza mu kibanza c’umukuru w’igihugu udafise abagushigikiye ? Abagushigikiye koko ntiboshobora gukotiza kugira ngo zirya miriyoni ijana z’ingwati uzironke ?"

Nawe yabishikirije igihe hariko higwa integuro y’ibwirizwa rigenga amatora mu Burundi, mu ndwi iheze, itariki icenda Ndamukiza 2024. Ivyahavugiwe vyose biri hano : https://lc.cx/BLl-pF.

Yongerako ko “ivyo yabonye, vyaragaragaye ko Abarundi bafise amafaranga menshi cane mu mazu […]. Muri BRB nta mahera ariyo mugabo mu bantu ariyo. N’ikigaragara ni ingene abantu bariko barubaka naho bavuga ngo Tanganyika ruriko ruraduga. Barubaka hirya no hino, no hagati mu gihugu. None bayakura hehe ? Si kubera bayafise ?"

 

 

Partager cet article !