• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ntibarekuriwe gusubira gukora inyuma y’isaha cumi nazibiri (12h00) z’umugoroba

Ntibarekuriwe gusubira gukora inyuma y’isaha cumi nazibiri (12h00) z’umugoroba

Abakora umwuga wo kudandaza ama Inite, kurungika amafaranga hamwe n’ibindi bijanye, bo muri Komine Ntahangwa bamenyesha ko ingingo baraye bafatiwe yo kudasubira gukora inyuma y’isaha 12 z’umugoroba ko aringingo yakarenganyo, ije kubongerereza ibibazo kandi bari basanganywe n’ibindi bitagira uko bingana.

Kuva kuri uyu wa gatatu itariki 08 Rusama 2024, hafashwe ingingo muri Zone Kamenge Komine Ntahangwa yo kubuza abakora ibikorwa vyo kudandaza ama Inite n’ibindi bisa navyo bakoresheje Lumicash Bose inyuma y'isaha cumi nazibiri (18h00). Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho haterewe grenade mwibarabara  rya 6 hagaca hatangura amakuru avuga ko ivyo bikorwa n’abakoresha Lumichash ko nongaho aribo bakoze iryo bara.

Bamwe rero muri abo bakora uwo mwuga, baribaza vyukuri ingene abakorera murico gisata ca Lumicash bokora iryo bara bikabasiga, mugihe benshi muri abo bayikoresha ari abamanutse bavuye mu ntara zitandukanye bazanywe no kurondera ubuzima. Kubwabo bakavuga ko naho yoba uwabikoze ari mubari bambaye umwambaro wa Lumicash, ngo azoba ari uwikitse mukiza mu kwinyegeza murako kazi ngo kugira yiyoberanye nkuko bimaze imisi vyibonekeza. Bakabonako ivyo bidakwiye ko bari guca bafatirwa ingingo nkizo, ngo hasigaye hari abantu beshi bambara umwambaro wa Lumichash mugukora ikibi kugira biyoberanye, ariko ngo bagamije kwiba abanyagihugu mu kubahenda bakabaha amahera ngo babarungikire kumbe bashaka kubiba. 

Bagasaba rero ko umukuru w’igihugu yobafasha iyo ngingo igahindurwa kuko ngo abenshi muri abo basanzwe ari abanyeshuye bo mu makaminuza ya reta, nayo ngo uwo mwuga ukaba wabafasha cane gose mu kwiyungunganya mubuzima babayemwo mu gisagara ca Bujumbura butoroshe n’agato kumunyeshure. Bakavuga ko ariho gusa hari hasigaye hashobora gukura agasabuni, n’ibindi bikoresho vyankenerwa vyabafasha mubikorwa vyabo vya minsi yose vyo kwiga. Umuntu wese ngo yogira icashoboye canke yoterera kugira ngo iyo ngingo ihinduke, ngo yobashikanira ijwi kure gushika no kumukuru w’igihugu.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !