Urwanda ruvuga ko ari akajoreza kuba Reta y’uburundi iyegekako ibara ry’ibitero vy'amagerenade
Vya bitero vy'amagerenade bibandanya guterwa ivyatsi n’imirwi itandukanye, nabo Reta ivyagiriza bavuga ko yotwara itamena ayo manyembwa. Inyuma y’umuhari Red-Tabara, uherutse kuvuga ko atamwanya ufise wo kuja kurwana n’abanyagihugu bigorewe ayatavurwa, n’igihugu c’urwanda kivuga ko ari akajoreza kuba Reta y’uburundi iyegekako ibara nkiryo.
Mw’itangazo Reta y'Urwanda yashize ahabona, isaba Reta y'Uburundi kwihutira gutorera inyishu ingorane zihanze igihugu cabo aho kubandanya yambika ibara igihugu c’urwanda.
Muri iryo tangazo urwanda rwasohoye kuri uwu w'Imana, igihugu c’urwanda kimenyesha ko biboneka ko hari ibintu bitagenda neza muri Reta y'Uburundi kubona yagiriza Reta y’Urwanda ibijanye n'ibitero vy'ibisasu ntezwantoke bimaze imisi vyibonekeza i Bujumbura, ngo kuko Urwanda ata ruhara rubifisemwo kandi ata mvo yotuma rubijamwo. Urwanda rukavuga ko naho Uburundi bubona ko bufitaniye ingorane n'Urwanda ko ariko Urwanda ata ngorane nazimwe rubona rufitaniye n'Uburundi. Ico kibanyi n’igihugu c’uburundi, kikaba gihamagarira Uburundi gutorera inyishu ingorane zibuhanze, hanyuma bureke kwegeka ku Rwanda akamaramaza nk'ako.
Tubibutseko ivyo vyose biriko birakwirikira, ihungabana ry’umutekano rimaze iminsi mu gisagara ca Bujumbura riturutse kubisasu ntezwantoke bita grenade bimaze iminsi biterwa mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura. Nayo mu kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru ku musi wa gatandatu, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano Petero Nkurikiye yari yagirije umuhari RED-Tabara hamwe na Reta y'Urwanda kwaribo batera amagerenade murico gisagara ca Bujumbura.
Don de Dieu MBAZUMUTIMA.