Kunyuruza abanyagihugu vyasubiye kw'imonogoza mu gihugu, buri musi akaba atamusi ucijana abanyagihugu batanyurujwe
Hari umunywanyi w’umugambwe MSD azwi kumazina ya Gahunda Dieudonné yanyurujwe isaha umunani (14h00) akaba yatwawe n’abantu bataramenyekana. Uyo munywanyi w’umugambwe MSD, yakuwe i Muhira iwe i Gihanga Centre muri Komine ya Gihanga mu ntara ya Bubanza. Muri kino gihe akaba yakorera mu gisagara ca Bujumbura mu Bizuku akongera agataha i Gihanga.
Gahunda Dieudonné akaba ari umwana wa Beda Nteturuye na Ndayahundwa Sylvie. Mugihe uwo muntu yatwawe nabi kandi imodoka bamutwayemwo bakaba bari bayikuyeko Imparati yayo, umuryango wiwe co kimwe n’abanyagihugu baho i Gihanga baratabaza umuntu wese yoshobora kugira ico akora kugira ngo ntagandagurwe nkuko n’abandi birirwa baragandagurwa.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.
Partager cet article !