• Home
  • ACTUALITÉS
  • Radjabu Ahmedi ni umumenyeshamakuru akorera AKEZA.NET apfungiwe mw’iperereza ry’uburundi

Radjabu Ahmedi ni umumenyeshamakuru akorera AKEZA.NET apfungiwe mw’iperereza ry’uburundi

Gukora umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi muri kino gihe, uburi hagati yo gupfungwa, guhunga, kunyuruzwa no gupfa. Ivyo nibiriko biravurwa n’abamwe mu bamenyeshamakuru, inyuma yo kubona, Radjabu Ahmedi umumenyeshamakuru akorera AKEZA.NET, amaze iminsi apfungiwe mw’iperereza ry’uburundi. Radjabu Ahmedi akaba yiyongereye kubandi 3 nabonyene bamaze igihe bapfunzwe. Aha twovuga Floriane Irangabiye, umumenyeshamakuru wa Radio Igicaniro, Sandra Muhoza, umumenyeshamakuru wa La Nova Burundi, Kenny Claude, hamwe rero n’uwo Radjabu Ahmedi. 

NKuko amakuru uruganda rwa Radio Haguruka rwashoboye kuronka avyemeza, umumenyeshamakuru Radjabu Ahmedi, yafashwe kw'igenekerezo rya 2 Rusama uyu mwaka wa 2024, ico gihe akaba yariko arafata amasanamu yerekana ingene isoko ya Ruvumera muri Zone ya Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura yariko irasha. Akaba yafashwe n'aba polisi bari muri ico kibanza, nabo baca bamuha abakorera iperereza.

Uyo mumenyeshamakuru yari asanzwe ari n’umuyobozi ajejwe ivyo gutunganya amasanamu,  yabaye akiriko arakora akazi kiwe ko gufata amasanamu y’ingene isoko ya Ruvumera yariko irasha, aza abona afashwe n’aba polisi, niko gutegekwa kuzimya no kubika ibikoresho vyiwe, ubwo nyene baca bamushirako iminwe bamwaka vya bikoresho baraheza bamwuriza imodoka bamujana mw’iperereza ahakorera ibiro bikuru hafi ya Katedarare Regina Mundi.

Kubera ubwoba butekeye abanyagihugu nka bose mu burundi muri kino gihe, yaba umuyobozi wa AKEZA.NET, canke mbere n'umuryango wiwe nta numwe yubahutse kuvuga ibiriko birashikira umumenyeshamakuru  Ahmadi Radjabu gushika nuyu musi. Ikibabaje ni ukubona n’ikimenyeshamakuru akorera kitarigera gicisha iyo nkuru kurubuga rwaco, ahubwo kikaba cabigize akamizwe n’ingoma.

Umwe mu ba polisi yahaye amakuru Radio-Haguruka, yatumenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru ngo amerewe nabi, adusaba gushira ahabona ayo makuru, ngo na cane cane ko biboneka ko atari uwuriko ararekurwa. Akaba yatubwiyeko bariko bamwagiriza kuba azi neza abaturiye iyo soko, ko rero ategerezwa kuberekana, ngo kuko ntakuntu yari kumenya ko isoko yatanguye gusha akazana ibikoresho atabibwiwe nabariko barayiturira.

Uko biri kose abarundi na cane cane abamenyeshamakuru ntibakwiye kugira ubwoba gushika naho bareka gutabariza mugenzi wabo, bategerezwa kwemanga bagahagararira umwuga wabo, mugutabariza mugenzi wabo, na cane cane iyo babonyeko umuntu ariko arazira umwuga wiwe n’akazi kiwe nkuko bitegekanywa n’amategeko.

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !