• Home
  • ACTUALITÉS
  • Uburundi bwoba buzokwitaba inkino z'umupira w'amaguru zitiriwe CECAFA Kagame cup 2024, zizobera mu gihugu ca Tanzaniya, kuva itariki 20 gushika itariki 4 Myandagaro 2024?

Uburundi bwoba buzokwitaba inkino z'umupira w'amaguru zitiriwe CECAFA Kagame cup 2024, zizobera mu gihugu ca Tanzaniya, kuva itariki 20 gushika itariki 4 Myandagaro 2024?

Bamwe bati ugira inzigo utaroga ikagupfako ubusa, abandi nabo bati guhenera umubanyi si ugufutura. Bati none ko barahiye bakarengwa gukina urukino kubera umwambaro wanditseko Visit Rwanda, bati ubu naho urukino ruzoba rw’itirirwa umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame, bazoca bahungira hehe ? ayo ni amajambo ariko aravurwa n’abamwe mu babonye inkino z'umupira w'amaguru zitiriwe CECAFA Kagame cup 2024 zitegekanijwe gutangura kuva kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro gushika kw’itariki 4 Myandagaro 2024, zikazobera mu gihugu ca Tanzaniya.

Inyuma yaho uburongozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko basketball mu Burundi « FEBABU », riherewe ibihano vyo guhagarikwa n’ishirahamwe mpuzamakungu FIBA. Ibihano bafatiwe bitumwe n’uko ryabujije umurwi Dynamo wari waserukiye igihugu c’uburundi mu nkino zariko zirabera muri Afrika y’epfo muri Ntwarante, bivuye ko Dynamo wase kwambara umwambaro wanditseko « Visit Rwanda », izina ryuwari yashigikiye inkino Dynamo wari witabiriye. Ivyari vyatumye uwo murwi wankirwa kubandanya iryo higanwa, hari n’izindi inkino z'umupira w'amaguru zitiriwe CECAFA Kagame cup 2024, zitegekanijwe gutangura kuva kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro gushika kw’itariki 4 Myandagaro 2024, zikazobera mu gihugu ca Tanzaniya.

Nkuko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona ry’ishirahamwe CECAFA ribivuga, izo nkino zizitabirwa n'imigwi 16. Muriyo mirwi, imigwi 12 ihurikiye mw'ishirahamwe CECAFA, ikaba iva mu bihugu bitandukanye nk'Uburundi, Urwanda, Kenya, Uganda, Tanzaniya, Sudani y’Epfo, Sudani, Ethiopia, Eritrea, Zanzibar, Somaliya na Djibouti. Nayo iyindi migwi 4 ikaba izotumirwa ivuye mu bindi bihugu. Ihiganwa nkiryo rikaba ryaheruka kuba mu mwaka wa 2021, mu gihugu ca Tanzaniya nyene i Dar es Salaam. Umugwi watahukanye igikombe ico gihe, ukaba ari umurwi witwa Express FC wo mu gihugu c'Ubuganda.

Muri iryo tangazo ryo ku wa 14 Rusama 2024, Umuyobozi Nshingwabikorwa w’ishirahamwe CECAFA, John Auka Gecheo, akaba yamenyesheje ko banezerejwe no kubona ayo mahiganwa mugihe hari haheze imyaka ibiri iryo higanwa ridashobora kuba.  Kubwiwe akabona ko amahiganwa benayo ashobora gufasha imirwi kwitegurira neza CAF ya Champions League na CAF Confederation Cup yo muri uyu mwaka wa 2024 no mu mwaka wa 2025, na cane cane n’amahiganwa yo hagati mu bihugu.

Bamwe n’abandi bakaba bariko baravuga ko inyifato y’abategetsi b’uburundi, iteza urubwa igihugu mu makungu. Bamwe bakibutsa ya migani ngo «Ugira inzigo utaroga ikagupfako ubusa, abandi nabo bati guhenera umubanyi si ugufutura ». Bati none ko barahiye bakarengwa ko umurwi Dynamo wari waserukiye igihugu c’uburundi mu nkino zariko zirabera muri Afrika y’epfo muri Ntwarante, kubera umwambaro wanditseko Visit Rwanda, bati none ubu naho urukino ruzoba rw’itirirwa umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame, bazoca bahungira hehe ? bakibaza nimba bazohitamwo kwikura murizo nkino nkuko babikoze ubushize bikabasiga.

Bose murabo banyagihugu twaganiriye, babonako ahantu igihugu kiriko kiragana arahantu habi cane, bakavuga ko inzira yo nyene yo gushobora kugarukira igihugu ko koba ugusenyura intwaro ya CNDD-FDD hakaboneka iyindi ntwaro yoshobora kugarukana ibintu mu buryo. Ivyo navyo rero ngo kugira bishikweko, ngo ni uko abarundi bose bahaguruka bakiyamiriza amabi atagira izina yirirwa arakorwa n’abari muri iyo ntwaro. Niko abo twaganiriye batubwiye.

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !