• Home
  • ACTUALITÉS
  • Inyuma y’urwaruka rw’Imbonerakure ruzwi mu kugandagura abanyagihugu, n’abakenyererarugamba batanguye kuza barakora ubwicanyi

Inyuma y’urwaruka rw’Imbonerakure ruzwi mu kugandagura abanyagihugu, n’abakenyererarugamba batanguye kuza barakora ubwicanyi

Hari Umukenyerarugamba azwi ku mazina ya Pascasie, aba ku mutumba Rukoba-Agacimbiri ka Zege,  muri Komine n’intara ya Gitega, umurwa mukuru wa politique, afadikanije n’abana biwe babiri (2), barafashe umugabo yitwa Ezechiel, w’umubanyi wiwe aba muri iyo Quartier nyene, bamuhondesha amabuye mumutwe, gushika aho acikana ku musi wagatanu kumugoroba w’ijoro.

Intandaro yivyo vyose, kugira ngo uyo mukenyererarugamba agandagure Ezechiel, ngo hari haheze iminsi Pascasie afashe umwana w’umuhisi Ezechiel ngo aramukubita cane kubera agakosa uyo mwana ashobora kuba yari yarakoze, hanyuma ngo amaze kumukubita, uwo mwana ngo yaramukomerekeje cane, biba ngombwa ko amujana kwamuganga. Kubera rero ifagitire uwo mukenyererarugamba Pascasie yishuye kwa muganga mukuvuza uwo mwana, ngo yagumanye inzigo yo kurondera kwihora no gukorera ikibi uwo mubanyi wiwe Ezechiel.

Kuri uyu wagatanu rero itariki 17 Rusama 2024 kumugoroba w’ijoro, niho uwo mukenyerarugamba Pascasie, afadikanije n’abana biwe babiri (2), ngo bafata umugabo yitwa Ezechiel, yari asanzwe ari n’umubanyi wiwe, bamuhondesha amabuye mumutwe, gushika aracikana. Abajejwe intwaro barikumwe n’aba polisi baraje gufata uwo mukenyererarugamba nabo bana biwe, umwana umwe ariruka arabasiga, baca batwara Pascasie n'umwana umwe. Muri kino gihe bakaba bapfungiwe muri comisariya y’intara ya Gitega kumvo z’amatohoza.

Amakuru avurwa n’ababanyi buwo mukenyererarugamba, bemeza ko uyo mugore yarasigaye ari umutekamutwe akomeye cane yishimikije ko ari mu mugambwe CNDD-FDD kuko ngo yarakaze cane, eka naho yakoze ibara ryo kugandagura uwo munyagihugu, ngo ntacizere bafise kwazohanwa canke ngo amare n’akanya mu munyororo. Mubuzima bwa misi yose umukenyererarugamba Pasicasie yari asanzwe acuruza ibijumbu mu gasoko gato ko muri Quartier ya Yoba. Nayo umuhisi Ezechiyeli ngo yakora imbabura akoresheje ibumba, hamwe n’imireko bashira kumabati kugira bakinge imvura.

Bamwe mu banyagihugu bo ngaho igitega babona ivyirirwa biraba, bamenyesha ko muri kino gihe ngo Abarundi bari mugihugu aho wo girango bari mw’ishamba, nayo umwami w’iryo shamba ngo akaba ari CNDD-FDD. Ivyo mu kubivuga bakemeza ko umugambwe CNDD-FDD ariwo uha impigi abanywanyi bawo mu gukorera amabi abarundi. Ngo kuko abanywanyi ba CNDD-FDD ngo mu kurenganya abandi babikora kugira ngo berekane ko CNDD-FDD ifise ububasha bwose, ko babwirizwa kuyikurikira kunguvu ngo na cane cane ko babona ko abanyagihugu bose batacerekwa umugambwe CNDD-FDD ngo kubera ubuzima intwaro yuwo mugambwe ibeshejemwo abarundi. Kubwabo banyagihugu bakaba bemeza ko atakibi nakimwe cokorwa kidashigikiwe na CNDD-FDD, ngo cisubirize kabiri canke gatatu n’akarenga.

Tubamenyeshe kandi ko atamisi yarihaciye ngaho nyene kumusozi wa Rukoba, Imbonerakure zikomerekeje cane umunyagihugu Melchisédech Ndakoraniwe. Ndakoraniwe akaba yari yahohoterewe ahantu Imbonerakure zama zakoreye amabi kenshi, hasanzwe hitwa Kwidodero. Aho hantu akaba ari ahantu Imbonerakure zihohoterera abantu.  Murico gihe akaba yarakubiswe cane kugeza aho atakaza ubwenge kuko izo mbonerakure zamukubitiye kumwica zigaca zigira. Ico gihe naho Imbonere zigizwe n’umugwi w’abantu 10 zabikoze zari zashengejwe imbere y’ubutungane, ntizigeze zikwirikiranwa.

Mugihe rero izo mbonerakure zimaze kumenyekana ko ari karuhariwe mu kugandagura abanyagihugu, bamwe n’abandi mu banyagihugu bo ngaho i Gitega babibonye, bakaba bariko baravuga ko n’abakenyererarugamba batanguye kuza barakora ubwicanyi nkubwirirwa burakorwa n’imbonerakure. Bakavuga rero ko hageze ko abanyagihugu bahagurukira icarimwe bakiyamiriza intwaro y’umugambwe CNDD-FDD iriko irabakorera ibidakorwa.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !