• Home
  • ACTUALITÉS
  • Butoyi Fiacre arongoye Lyce Communal Gisovu, DCE yo muri DPE Bubanza, baragirizwa kuyobeza abana kurugero rw’ubusa kw’ijana 0%

Butoyi Fiacre arongoye Lyce Communal Gisovu, DCE yo muri DPE Bubanza, baragirizwa kuyobeza abana kurugero rw’ubusa kw’ijana 0%

Nkuko tubimenyeshwa n’abavyeyi barereye kuriryo shure rya Lyce Communal Gisovu, DCE yo muri DPE Bubanza, bamenyesha ko abana biga mu myaka y’indwi (7ѐme), y’umunani (8ѐme) hamwe n’umwaka w’icenda (9ѐme), bavuga ko kuva mugice cambere bagumye babwirwa n’abana babo ko  bagumye babwira umuyobozi w’ishure Butoyi Fiacre n’uwumwunganira (pref des études), ikibazo c'umwarimu Étienne Nininahazwe yigisha ibiharuro (Maths) ngo kwabigishanya inzigo yamara uwo Muyobozi w’ishure ngo akaba yabifashe minenerwe.

Uwo mwigisha Étienne Nininahazwe, ngo akaba yaheruka kuza kuri iryoshure rya Gisovu avuye kw’ishure ry’uburimyi n’ubworozi ETB Bubanza aho y’igeze kuba umuyobozi ajwejwe uburaro bwabanyeshure, ngo akaba yimuwe kuri iryo shure bivuye kububegito bwo kwigishishanya inzigo n’ugutanga ubusa muvyirwa yatanga kuriryo shure rya ETB Bubanza.

Nkuko tubandanya tubibwirwa n’abavyeyi, eka n’abanyeshure bo kuri iryo shure, ngo kwimurira Étienne Nininahazwe kuri Lyce Communal Gisovu, ngo ntaco vyamuhinduyeko ngo kuko ntiyigeze yikosora ngo akore neza. Abo baduha amakuru bakamenyesha ko ibintu vyagiye kunyuka uyo Étienne Nininahazwe, ngwafatanye n’umuyobozi Butoyi Fiacre, ahubwo ngo baciye bafatanya mu kumenyesha abana kubusa kw’ijana 0% atacamira. Kubwabo ngo bakibaza kwivyo vyose babikora bitwaje ko basengerahamwe mw’ishengero rya Pantecote ryo ngaho nyene. 

Muri kino gihe abana n’amarira menshi mucirwa c’ibiharuro (Maths) ntibakironka ayo bacira nayo bamira, kubera ko uwo mw’igisha abigishanya inzigo. Bakavuga ko adakora imyimenyerezo (exercices), ngo niyo ayikoze ngo akora iyoroshe, nayo ngo hageze mu kibazo akazana ibigumye, ngo agaheza akabaza Interrogation afise intumbero yo kuyobeza abanyeshure. Ngo kukaba nkako, ngo umuntu yihweje urugero abana bafise, haba no muvyo bita examene en réseau, test d'entrainement yo mu mwaka w’icenda (9ѐme), ngo abana baba abanyuma mu biharuro (Maths) ngo kuko n’icirwa kiri pondéré cane.

Nkuko abahaye amakuru Radio Haguruka babitubwiye, bamenyesha ko mucirwa c’icongereza (Anglais), ngo ivyo bintu vyarigeze nkuko nyene, kumwigisha wico cirwa yitwa Onesphore Ndamuhawenimana, ngo ariko wewe yaciye ahindurwa mu gice ca kabiri (2ѐme trimestre). Ico gihe ngo abana bariruhukije  ngo kandi n’umwimbu ntakibazo ubu bafise, ngw’ikibazo bagisigaranye mu cirwa c’ibiharuro (Maths) murayo mashure yo mu myaka y’indwi (7ѐme), y’umunani (8ѐme) hamwe n’umwaka w’icenda (9ѐme), ngo vyarananiranye ko gitorerwa inyishu kuva mu ntango z'umwaka. Ivyo rero ngo bigaca vyerekana ko nikibazo ca Reta (Concours National mu cirwa c’ibiharuro ngo bitazoshoboka ko bayitora ku banyeshure biga mu mwaka w’icenda (9ѐme). Bagaheza bakababazwa ni uko ngo birinze bigera ngaho ngo kandi bakomye  induru  kuva kera yamara ngo ntahindurwe. 

Nayo mu myaka y’indwi (7ѐme) ni y’umunani (8ѐme), ngo uko ibintu bimeze ngo hazomenya uwimana izi, ngo kuko ata numwe aronka mirongo itanu kw’ijana 50%. Ivyo ngo bigatumwa n’uko uwo mwarimu ngo ahera ku wambere atanga ubusa kurabo banyeshure. Ngo naho mu myaka y’umunani (8ѐme), n’umwaka w’icenda (9ѐme) ngo mu mwaka uheze bari bigishijwe numwarimu abizi ngo bagaheza bakabitora, ngo biratangaje kubona uyu musi bosubira inyuma kurugero nkurwo bariko barashikako. Kubwabo bavyeyi eka n’abanyeshure, bamenyesha ko banabo barimu ngo bari bakwiye gushengezwa ngo kuko abavyeyi bariha amafaranga y’ishure ngo kugira abana babo bigishwe neza.

Inkuru na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !