Hari uwundi mumenyeshamakuru w’ikimenyeshamakuru Iwacu yaraye akubiswe atako yakwa n’ibikoresho vyiwe
Hirya no hino mu gihugu, abantu bariko baribaza ivyoba bigiye gukwirikira agatotezo abamenyeshamakuru bariko barakorerwa mu Burundi, ngo kuko ivyo bariko barakorwa birenze ukwemera. Ivyo rero abanyagihugu bakabivuga bafatiye kuvyaraye bishikiye Umunyeshamakuru Jean Noel Manirakiza akorera ikimenyeshamakuru Iwacu, akorera mu ntara zo hagati mu gihugu aho yaraye akubaguwe n’uwurongoye igipolisi mu ntara ya Gitega Komiseri Evariste Habogorimana.
Nkuko amakuru ava mu ntara ya Gitega abivuga, ni uko uwo mumeneshamakuru yakubiswe mugihe yari ateramanye n'abagenzi biwe harimwo n’uwujewe kumenyesha amakuru munama Nkenguzamateka Senat, hamwe n'uwundi mumenyeshamakuru akorera Iradio nkuru y’igihugu RTNB mu masaha y'ijoro kuri uyu wa gatatu muri karitiye Yoba yo mugisagara ca Gitega.
Inyuma yo gukubitwa no gukubagurwa, Noel Manirakiza muriryo joro nyene yaciye yakwa ibikiresho vyiwe vy'akazi harimwo imashine nyabwonko ordinateur, icuma gifata amasanamu Appareil Photo, ibifata amajwi hamwe n'ibindi yari asanzwe akoresha mu kazi kiwe ka minsi yose. Nkuko uwo mumenyeshamakuru avyivugira, ngo yatashe avuye kukazi aho yari kumwe n’abagenzi biwe b’abamenyeshamakuru akemeza ko yakubiswe azira ivyo yandika aho yanagabishijwe n'iyo ntwazangabo mu gipolisi ko bashatse ngo boshobora «kumufyeta ».
Jean Noel Manirakiza agasaba gusubizwa ibikoresho vyiwe, n’umutekano wiwe uheze wubahirizwe. Nayo mugihe ngo abategetsi canke ubutungane bwoba harico bumukeneyeko, uwo mumenyeshamakuru asaba ko hokwisungwa inzira zemewe n'amategeko kuko atigeze amenya ico azira, agaheza akarengutswa akisigura.
Kurivyo rero vyaraye bishikiye uwo mumenyeshamakuru, ikimenyeshamakuru Iwacu akorera, nticatevye kugira ico kibivuzeko. Mw'itangazo ico kimenyeshamakuru cashize ahabona kiriyamiriza iryo kubagurwa ryakorewe uwo mumenyeshamakuru waco eka n' abandi bamenyeshamakuru muri rusangi. Ico kinyamakuru kigasaba ko ibikoresho vy'akazi vyuwo mumenyeshamakuru vyosubizwa. Iwacu ikibutsa kandi ko umwuga wo kumenyeshamakuru wemewe n'ibwirizwashingiro ry'Uburundi. Indongozi rero ngo zikwiye gufata ingingo zose zorohereza umumenyeshamakuru zikanakingira umumenyeshamakuru wese akorera mu gihugu c’uburundi.
Tubibutse ko Umumenyeshamakuru Jean Noël Manirakiza, yari kumwe na Bienvenu Nziguye umumenyeshamakuru wa Radiyo n'Imboneshakure vy'igihugu RTNB, hamwe na Gilbert Niyongere ajejwe ugutumatumanako amakuru mu nama nkenguzamateka. Abo rero akaba aribo bakubiswe amakofi bakamererwa nabi na komiseri w'igiporisi mu ntara ya Gitega Colonel de police Evariste Habogorimana abasanze mu kabare ko muri karitiye Yoba bariko barivuna akanyota kuri uwu wa gatatu isaha zitanu z'ijoro. Abo bakubiswe rero bakaba baje biyongera kubandi bamenyeshamakuru bagera kuri 3 bapfunzwe, hamwe n’uwuheruka gupfungurwa.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.