Haruhande yo kubura ibindi bintu vyankenerwa mu gisagara ca Gitega, muri kino gihe ntanima ry’amazi rirangwa muri ico gisagara
Kuva uburundi bwitwa uburundi, ngo ni imbonekarimwe aho mu gisagara cose ca Gitega ku murwa mukuru w’igihugu wa polritike, atanima ry’amazi riharangwa niko abanyagihugu bahejeje kutubwira. Abo banyagihugu baba murico gisagara bakaba bahejeje kubwira Radio Haguruka ko babuze iyo baja niyo bava. Abo tuvuganye bakaba batubwiye ko bigoye gutahura ko babura ibindi bintu vyankenerwa hanyuma hakiyongera ko no kubura amazi bakibaza ingene baza kubandanya babaho ngo bikabasiga.
Guhera ku musi wejo wakane itariki 22 Rusama 2024, akaba ariho amakaritiye yose yo ngaho mu gisagara ca Gitega ngo yatangura kubura amazi. Nayo kuva uno musi wagatanu, ijerekani ijamwo amaritiro 20 ikaba yatanguye kugurishwa amafaranga ari hagati y’igihumbi n’igihumbi n’amajana atanu (1.000Fbu na 1500Fbu), abo bayagurisha akaba arabayakura hirya y’igisagara ca Gitega.
Nayo mugihe amashure afise uburaro, abanyeshure bakenera amazi menshi kugira ngo ubuzima bushobore kubandanya, muri kino gihe ubwanwa bwapfutse umunwa kubayobozi bayo mashure, ubu mbere bakaba bariko bararungika abo bana kuja kuvoma mu mu myonga iri hirya yigisagara ca Gitega kugira ngo bashobore kuronka ingene bo bategurira imfungurwa. Nayo abo bayobozi bamashure, bo bavuga ko atakundi bari bubigenze ngo kuko n’imodoka zamashure zitagira ibitoro ahandi naho bakabona ko ata hantu bokura amazi yegereye ibarabara kugira imodoka zishobore kuvoma.
Muri kino gihe abavyeyi bakibaza ingene barungika abana babo kumashure bagiye kwiga, yamara ngo ubu bakaba bariko baratumwa kuduga imirambi kurondera amazi, nayo igikorwa co kwiga barungitswemwo kikaba gisa nicahagaze. Bsaba bashimitse ubushikiranganji bw’indero gukora ibishoboka vyose kugira ngo ico kibazo gishobore gutorerwa inyishu.
Mwomenya ko mw’ishirahamwe Regideso rijejwe ico gisata camazi ngaho mu ntara ya i Gitega ku murwa mukuru wa politique, babwiye ibinyamakuru bimwe bimwe ko iryo bura ry’amazi ryatumwe nuko habaye ingorane iturutse kw'ipompo iduza amazi yagize ikibazo ngaho mu gisagara ca Gitega. Bakamenyesha ko bariko barakora ibishoboka vyose ngo kugira amazi asubire kuboneka nk'uko vyahora.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.