• Home
  • ACTUALITÉS
  • Inkuru nziza. Firmin Nzeyimana atwara umugambwe MSD muri komine Nyanza-Lac Na Niyukuri Oscar, hamwe na Edouard Barasukana w’i Mayuyu barekuwe

Inkuru nziza. Firmin Nzeyimana atwara umugambwe MSD muri komine Nyanza-Lac Na Niyukuri Oscar, hamwe na Edouard Barasukana w’i Mayuyu barekuwe

Abo banyagihugu muri kino gihe bidegemvya bakaba basubiye mu miryango yabo, ni abanyagihugu babiri b’Inyanza-Lac, mu ntara ya Makamba hamwe n’uwundi munyagihugu w’Imukike mu ntara ya Bujumbura-Radio Haguruka yatabariza barekuwe ubu baridegemvya.

Babanyagihugu babiri bo muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba bafashwe ku mutaga wo ku wa gatandatu igenekerezo rya 18 Rusama 2024 n'abakozi b'iperereza ry'uburundi. Aribo Firmin Nzeyimana atwara umugambwe MSD muri komine Nyanza-Lac hamwe n'uwundi yitwa Niyukuri Oscar Niyukuri akorera muri Coopec aho i Nyanza-Lac nyene, kuri uyu musi barekuwe.

Abanyagihugu bo muri Komine Nyanza Lac bakaba bashima kubona abo banyagihugu barekuwe, ngo nakare bari bafashwe ataco bacumuye. Bagasaba Reta ya Evariste Ndayishimiye guhagarika agatotezo n’akarenganyo kiryo fatwa ryagasaki saki kubanyagihugu ataco bazira bumva ririko rirakorwa hirya no hino mu gihugu.

Sabo gusa bidegemvya, n’umunyagihugu azwi ku mazina ya Edouard Barasukana, umukukuruke mu gisirikare c’uburundi, mwene Barasukana Paul wo ku Mutumba Nyarumanga, zone Mayuyu, commune Mukike, province Bujumbura. Twari twaraye dutabarije, yari yaraye afashwe n’abapolisi ba brigade Mayuyu muri irijoro ryo ku wa 23/05/2024, igihe cisaha zibiri zijoro, nawenyene ubu aridegemvya yarekuwe.

Mu muryango wiwe bakaba bashima kubona basubiye kubona uwabo. Nayo abanyagihugu bariko barumva inkuru z’abanyagihugu bahagarikwa hirya no hino mu gihugu, bavuga ko Reta yarikwiye kwisubirako ngo kuko ibibazo abanyagihugu basanganywe bitari bikwiye kwongerwako n’ibindi vyagatotezo ko guhagarika abanyagihugu hirya no hino mugihugu ataco bazira.

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

 

Partager cet article !