• Home
  • ACTUALITÉS
  • Amazi ariko araba ikibazo mu bice bitandukanye cy’igihugu, Bujumbura, Gitega na Rumonge akaba ariho habangamiwe muri kino gihe

Amazi ariko araba ikibazo mu bice bitandukanye cy’igihugu, Bujumbura, Gitega na Rumonge akaba ariho habangamiwe muri kino gihe

Ikibazo c’amazi ntikiri gusa mugisagara ca Gitega ku murwa mukuru wa politique, n’abanyagihugu baba mu gisagara ca Rumonge, bararajwe ishinga n'ubukene bw'amazi meza bumaze igihe bwibonekeza. Abavyeyi hamwe n'abarezi bo kuri Lycée ya Rumonge nabo bakagira amakenga ko abana barenga 600 biga kur'iryo shuri bashobora kwandura ingwara ziturutse kw'isuku rike, bitewe n'uko kubura amazi meza 

Igisagara ca Rumonge kimaze igihe kitari gito kitagira amazi meza, ingorane yo kubura amazi ikaba iraje ishinga abanyagihugu baba muri ico gisagara ca Rumonge, na cane cane abanyeshuri bo kuri Lycee ya Rumonge. Iryo shuri riharurwamwo abanyeshuri 641 bagizwe n’abahungu n’abigeme bakaba babayeho batagira amazi. Abavyeyi hamwe n'abarezi bo kuriyo Lycée ya Rumonge baganiriye na Radio-Haguruka, bafise amakenga kw’abo abana bashobora kwandura ingwara ziturutse kw'isuku rike, bitewe n'uko kubura amazi meza.

Amakuru ava kur’iryo shuri akanemezwa n’ubuyobozi bwaryo, ashikiriza ko muri kino gihe ishirahamwe SOGEA-SATOM ariryo ribafasha mu kuvoma amazi abanyeshuri bakoresha mu gukoropa, kwoga, kumesura, guteka ivyo bafungura hamwe no gusukura utuzu twa sugumwe. Ariko rero, ayo mazi ngo ntashobora gukwira kubera ko ishirahamwe SOGEA SATOM riza rimwe canke kabiri mundwi.

Mu gihe bamwe mu banyagihugu bo mur’ico gisagara ca Rumonge bahora bikora kumazi y’ikiyaga ca Tanganyika, Alexis Nkurunziza ajejwe akarere k’ubuvuzi ka Rumonge, asaba abanyagihugu kudasubira gukoresha ayo mazi kuko yuzuyemwo imyanda myinshi, ngo na cane cane iba yavuye mu tuzu twa sugumwe twasambuwe n’imyuzurira y’imvura nyinshi yarimaze igihe irwa. Igitangaza abanyagihugu n’ingene uwo mutegetsi abahimiriza kwitwararika isuku kandi atamazi bafise.

Kuri ivyo vyose, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu w’iyi ndwi, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe REGIDESO yaremeje ko batewe impungenge n’abantu bandura ikiza ca Cholera umwimbu w’amazi nawo akaba ari muke. Jean Albert Manigomba akavuga ko hari ibikoresho biri munzira bizofasha mu kwongereza amazi. Yamara bamwe n'abandi bakaba babandanya bibaza ico ishirahamwe REGIDESO rimaze bikabayobera, ngo na rirya havugwa ikiza ca choléra kiriko kirahitana ubuzima bw'abanyagihugu mu bice bitandukanye. 

Ariko naho uwo muyobozi abivuga gutyo, bamwe n'abandi babandanya bibaza ico ishirahamwe REGIDESO rimaze bikabayobera, na rirya havugwa ikiza ca choléra kiriko kirahitana ubuzima bw'abanyagihugu mu bice bitandukanye. Abandi bobo ntibatinya kuvugira ku mugaragaro ko intwaro ikomoka k'umugambwe CNDD-FDD ngo ataco imariye abarundi, ahubwo ngo ikwiye kwirukanwa abarundi bakaruhuka.

Inkuru yanditswe na Aline Munezero.

 

 

Partager cet article !