• Home
  • ACTUALITÉS
  • Naho bamufashe kubera imvo z'amatati y'amatongo, muvyatumye Claudine Nshimirimana afatwa n'imvo za politike ntiziri kure

Naho bamufashe kubera imvo z'amatati y'amatongo, muvyatumye Claudine Nshimirimana afatwa n'imvo za politike ntiziri kure

Inyuma yaho Claudine Nshimirimana wo ku musozi Gikangaga uri muri zone Ruyaga, komine Kanyosha, mu ntara ya Bujumbura anyururijwe mu gitondo co kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 28 Rusama 2024, akuwe mu rugo iwe n' imbonerakure ziherekejwe n' abapolisi, hagumye havurwa amakuru atandukanye kuvyerekeye inyuruzwa ryiwe.

Naho Aimé Magera, umuvukanyi wiwe akongera akaba n’umuvugizi w'umugambwe CNL ku rwego mpuzamakungu, uruhande rwabayoboka Agathon Rwasa, yari yamenyeshejeko imvo za politike arizo ziri inyuma y' iryo nyuruzwa ry' umupfasoni Claudine Nshimirimana, ngo kuko atari n' iryambere afashwe ata mategeko akurikijwe. Ayandi makuru avuga ko uwo mukenyezi ashobora kuba yafashwe kubera imvo zamatati y’amatongo, bivuye kwitongo yaramaze igihe aburana yamara araheza aja kurikoreramwo bidakurikije amategeko. Mubamufashe biranavurwa ko hoba harimwo Umushikirizamanza wo mu gisagara ca Bujumbura.

Haruhande yayo matati yamatongo ariko, hari n’umwe mu banyagihugu bo muri zone ya Ruyaga yaganiriye na Radio Haguruka kuri iryo fatwa ry' uwo mukenyezi naho hoba harimwo imvo z’amatati y’amatongo, ko bariko barakwegerako nimvo za politike. Uyo munyagihugu akaba yagize ati, nduguruye twa mugina : « erega mu karere ka hano iwacu abanywanyi ba CNDD-FDD bari ku rushi. Ubutegetsi bwa CNDD-FDD mukwaka umugambwe CNL Agathon Rwasa bwari buzi ko abantu bazoca bisukira binjire mu mugambwe CNDD-FDD, yamara siko vyagenze. Nta murundi w' umutima yoba acipfuza kwinjira muri CNDD-FDD n' amagorwa tubonye ku ntwaro y' uwo mugambwe » Ndugaye twa mugina.

Uyo munyagihugu akaba yabandanije atwiganira ko kubwabo bibaza ko Umupfasoni Claudine yataweko agashavu ko kubona CNDD-FDD itariko iraronka abayinjiramwo nkuko bari bavyiteze bagaca batangura kurementaniriza abantu ngo bararanye abarwanyi. Ngo nayo mugihe abo banyagihugu boramuka babonye abo barwanyi, ngo bobashigikira ngo kuko aho bigeze, ngo hotuma haba intambara uwupfa agapfa, nayo uwukira akazokira ngo batarinze kwirirwa baratwarwa kamwe kamwe ku macuniro.

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !