Inyuruzwa ry'umwigeme Nizigama Corinne, ririko riracanishamwo abakenyererarugamba bo mu ntara ya Bujumbura, bakagiriza Nahimana Vénérande ko afise uruhara mw’inyuruzwa ry’iwe
Kuva inyuruzwa ry'umwigeme Nizigama Corinne riba, umupfasoni Nahimana Vénérande ari mu batwara umugambwe CNDD-FDD muri komine Mukaza y' igisagara ca Bujumbura, yagumye ashirwa ahabona kw'afise uruhara muri iryo nyuruzwa aho bivugwa ko yafatanije na muvyarawe akorera iperereza ry'uburundi yitwa Samuel Ntaryabasovye bahawe impera n'umuryango wa Mbanyenimanga Damiyano wo ku Mutumba Mirama, zone Muyira, komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura.
Abakenyererarugamba bakera muri iyo ntara ya Bujumbura bakaba bagumye bakurikirana ibijanye n'iryo nyuruzwa. Abo bakenyezi babicishije kuri umwe muribo bavuga ko Nahimana Vénérande yahemukiye abakenyererarugamba bo mu ntara ya Bujumbura. Ubu bakaba bamusaba kumenyesha umuryango w' umwigeme Corinne NIZIGAMA ahari uwo mwigeme yaba muzima canke atakiri muzima.
Nkuko babandanya babimenyesha, abo bakenyererarugamba bavuga ko kuba bahisemwo kuva inyuma ya CNDD-FDD ngo banse guhemukira demokarasi nkuko Nahimana Vénérande hamwe n'abandi bakenyererarugamba bamwe bo mu ntara ya Bujumbura bayihemukira. ngo kubona atan'igikorwa c'iterambere bakorera intara bavukamwo. Nahimana Vénérande rero ngw' akwiye kwikubita agashi yerekane uwo mwigeme ahari ataruko ngw'ingero y'icaha n'urupfu ngo kandi n'ivyashikiye umuryango wa Jenerari Bunyoni nawe nyene ngo bishobora kumushikira ngo kuko ruriye abandi nawe rutamwibagiye.
Tubibutse ko Corinne NIZIGAMA yanyurujwe avuye gukurikirana mu gipolisi dosiye y'abasengezana biwe babiri banyurujwe mbere yiwe n'umuryango wa Damiyano Mbanyenimanga. Imbonerakure David Manirakiza yo ku Mutumba Muyira ikaba ariyo yakoreshejwe n'umukozi w'iperereza ry'uburundi Samuel Ntaryabasovye mugukurikirana uwo mwigeme kuva ava ku gipolisi gikorera ku Muyira gushika aho yafatiwe muri zone Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura yururutse imodokari itwara abantu n'ibintu ivuye hagati mu gisagara ca Bujumbura. Imodokari TI ifise imparati yo mw'iperereza ry'uburundi B0857A yakoreshejwe mukunyuruza uwo mwigeme Corinne ikaba yarimwo n'iyo mbonerakure David Manirakiza.
Abo bakenyererarugamba ba CNDD-FDD bo mu ntara ya Bujumbura bagumanye akarangamutima ko kurwanira demokarasi mu Burundi, bamenyesha ko umutambukanyi wa Jenerari Bunyoni bamuzi mu bakenyererarugamba bafashe nabi abandi bakenyezi. Uwo mufasha wa Jenerari Bunyoni ngo yaricishije abandi bakenyezi ngo yamara uyu musi ariko araba mu ngaruka mbi zivyo yakoze.
Babandanya basaba umukenyererarugamba Nahimana Vénérande kwerekana ahari umwigeme Nizigama Corinne. Atari uko, Nahimana Vénérande vuba azobona ingaruka mbi y' icaha yakoreye uwo mwigeme ngo kuko abo bakenyezi barizigiye Imana -Rukundo irenganura abatagira shinge na Rugero. Imana Kandi ngw'izobakurako urusyo rw'intwaro bikoreye.
Mu ntara ya Bujumbura, abakenyezi ngo ntibibukwa. Abibukwa ngo n'Abakenyezi bameze nka Nahimana Vénérande bakorera inda zabo, bemera guhemuka mugutanga ababo. Naho biruko, intahe ngw' izotinda ifate ijambo. Umwe mu bakenyererarugamba b'umutima naho batakiri muri CNDD-FDD, tumukurikire.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.