Abarundi bose bategerezwa kwirwanira no kwirwanako bakanka ko hari umunyagihugu asubira kunyuruzwa akagenda amazimayongo
Gupfungwa, guhohoterwa ubuzima, kugandagurwa canke kunyuruzwa bagatorwa ibiziga hirya no hino mu gihugu, nibwo buzima abarundi bamazemwo imyaka n’imya kuva intwaro ya CNDD-FDD ishika kubutegetsi.
Muri kino gihe abanyagihugu bakaba barara ntibuca, bwaca naho bakirirwa batazi ko bwira bivuye kubakozi b’iperereza, abapolisi, abasirikare n’imbonerakure banyuragirana barondera uwoba avuga nabi ubutegetsi canke afise ivyiyumviro binyuranye nivyintwaro ya CNDD-FDD kugira ngo bamuyore amaguru adakora hasi.
Ubu abanyagihugu bakaba atawugishaka kugira ico avuga kiretse gushimagiza no kuninahaza intwaro ya CNDD-FDD babanje kurenza uruhu rwamazi ku magorwa atagira izina babayemwo mu buzima bwa minsi yose.
Kubera ivyo vyose rero, Aloys Baricako arongoye umugambwe Ranac, ahamagarira Abarundi bose atanumwe avuyemwo, kwirwanira no kwirwanako ngo bakanka ko hari umunyagihugu n’umwe asubira kunyuruzwa abakuwemwo ngo aheze agende amazimayongo.
Kubwuyo munye politike agahanura abarundi ko n’ibabandanya bisamaza nkaho bitabaraba, ngo n’abataranyuruzwa ejo canke hirya yejo ngo nibo bazoba bashikiriwe.
Abanyagihugu bumvise ako kamo ka Aloys Baricako, basaba bashimitse ko abanye politike bafise ivyiyumviro benivyo ngo ko bakwiye kuja hamwe ngo bagahaguruka bakaja imbere abanyagihugu mu kwiyamiriza intwaro ya Evariste Ndayishimiye bakoresheje inzira zose barekurirwa n’amategeko, ngo kuko atawundi muti ukenewe kiretse kuyirukana kubutegetsi.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.