Abategetsi aho gutunganiriza abanyagihugu, basigaye barwanira imbere y’abanyagihugu. Akarorero ni Buramatari wa Rutana n’uwigeze kuba umushikirizamanza wa Sentare Ntahinyuzwa, mu karere kubumanuko baraye bashwaniye kuri Station
Ndayishimiye Eliphase yigeze kuba umushikirizamanza wa Sentare Ntahinyuzwa, mu karere ku bumanuko kagizwe n’intara zine arizo Rutana, Makamba, Bururi na Rumonge, niwe yaraye akubiswe ikofe ry’umutse na Nibitanga Olivier, Buramatari w’intara ya Rutana. Ndayishimiye Eliphase akaba muri kino gihe akora mu bushikiranganji bw’ubutungane.
Inyuma rero y’iryo kofe yaraye akubitswe na Buramatari, kumbuga hwaniro hari ubutumwa buriko buracanacanako bwuyo mutegetsi, asigura ingene yakubiswe na Buramatari agakumbagara mw’ibarara, agatabarwa n’abandi banyagihugu bari basanzwe batondeye ico gitoro. Nkuko abisigura yemeza ko yari asanzwe ari mukaruhuko « Conge », ngo hanyuma akaba yari yatumweko n’abamukurira ngo koyova mu karuhuko ngo kubera hariho ibikorwa vyihuta vy’amanama yishirahamwe ry’ibihugu vyo mubuseruko hamwe n’ishiramwe COMESA.
Ngo intandaro yo kubitwa, ngo yaciye kuri station asanga bariko baratanga ibitoro vyo mu bwoko bwa Essance, ngo akaba yahasanze Nibitanga Olivier, Buramatari w’intara ya Rutana, ngo ariwe ahagarariye ibikorwa vyo gutanga ibitoro vyari bihejeje kuboneka, ngo aramusaba ko yomurosa igitoro ngo kandi yongera aramusigurira ko afise ibikorwa vyihutirwa bamuhamagayemwo. Uwuri uwundi ngo araheza amwishura ati : Nduguruye twamugina « Uriko urangorera ubwenge kuko uriko uramvuruga ».
Ndayishimiye Eliphase ntiyanyuzwe, ngo yarongeye amubwira ko yokwibukako umukuru w’igihugu yamurungitse kugira ngo atunganirize abanyagihugu, ko rero yomuha igitoro kugira ngo agende, Nibitanga Olivier, Buramatari w’intara ya Rutana, ngo yaciye amwishura ko yogenda kunywesha i Gitega canke ngo akanywesha i Bujumbura. Mugihe Eliphase yari abandanije, Buramatari ngo yahavuye amusekeza ikofe ry’umutse, ngo hanyuma avundagara mw’ibarara. Abari bahari baca birukanga kumuterura ngo kuko ijisho ryari ryabaye nabi ngo baraheza bamujana kwa muganga. Muri ubwo butumwa bukaba bwumvikanamwo kurondera gutabaza no gushira ahabona amanyama Buramatari w’intara ya Rutana yaraye yerekanye, hamwe n’inyifato idasanzwe yabategetsi buburundi yo kutubahiriza agateka kazinamuntu hamwe no gutwaza igikenye n’agahotoro.
Bamwe mu begereye abo bategetsi uko ari babiri twaganiriye, batubwiyeko ivyaraye bibaye ngo biri murukwirikirane rwo kutumvikana abo bagabo bamanye kuva muri kahise. Bakaba bavuzeko, Ndayishimiye Eliphase yigeze kuba umushikirizamanza wa Sentare Ntahinyuzwa, mu karere ku bumanuko kagizwe n’intara zine arizo Rutana, Makamba, Bururi na Rumonge, ngo yigeze gushwana na Nibitanga Olivier, Buramatari w’intara ya Rutana, ngo bapfa muvyara wa Eliphase yigeze gukubitwa n’uwutwara iperereza mu ntara ya Rutana, yamara ngo buramatari ntatabare. Mubindi bapfa ngo bikaba harimwo ko biyemera ko bose bize amategeko « Droit ».
Abanyagihugu baraye b’umvise ingene abo bategetsi berekanye inyifato beniyo yo kurwanira imbere y’abanyagihugu, bavuga ko bidatangaje kubona igihugu kiri mukajagari nkakirirwa karaboneka mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu. Bakavuga ko kiretse gutwara abarundi babacuritse no kurondera kunyaga ibintu vy’igihugu ngo ntamwanya bafise wogutunganiriza abarundi.
Tugireko tubasaba imbabazi kuko mu makuru yejo twari twababwiyeko uwaraye akubiswe ikofe na na Nibitanga Olivier, Buramatari w’intara ya Rutana, ari Umushikirizamanza w’intara ya Rutana, ariko rero siwe yakubiswe kuko umushikirizamanza wa Rutana yitwa Simbarakiye Clovis. Ahubwo hakubiswe Ndayishimiye Eliphase yigeze kuba umushikirizamanza wa Sentare Ntahinyuzwa, mu karere kubumanuko kagizwe n’intara zine arizo Rutana, Makamba Bururi na Rumonge.
Inkuru yanditswe na Aline Munezero.