Abarundi baricuza ku cizere bagiriye umugambwe CNDD-FDD mu 2005
Inyuma y’ingwano yahuza Reta ya Petero Buyoya n’abarwanyi b’umuhari FDD, yari imaze imyaka myinshi, Abarundi baragiriye icizere uwo muhari, mu kuwutora mu matora yo mu 2005. Bamaze gutora CNDD-FDD igashika ku butegetsi, naho atamigambi yari yababwiye, ahubwo bakayitora kugira ngo barabe ko intambara yohagarara, baribajije ko kuba abahora bagwana bashitse ku butegetsi, ko bazoshira mu ngiro ivyo baharanira, nkuko babivuga.
Ariko rero ico cizere camaze umwanya urume rumara. Kuko budakeye nakabiri, haciye haduka ubwicanyi bwagahomerabunwa, abatavugarumwe n’ubutegetsi bwabo cane cane aba FNL, mu ntara zitandukanye na cane cane mu ntara ya Muyinga baca batangura kugandagurwa bunyamaswa. Aho ntituvuze umugambi Safisha watanguriye muri Bujumbura rural, ukabandanya no muzindi ntara.
Ubwonyene bidatevye ibintu vyaciye bitangura guparangana mu gihugu, indege yarerura umukuru w’igihugu Falcon 50 iragurishwa mu manyanga ateye ubwoba, uwari umukuru w’umugambwe CNDD-FDD ariwe Useni Radjabu, baba baramufashe baramupfunga, nayo Abashingamateka bagera kuri 22 bivurwa ko bari inyuma yiwe, baca birukanywa ubutarariye kandi bikorwa mu buryo bunyuranye n’amategeko, gutyo ubwicanyi, ubusuma n’akararenganyo biba bisasiwe indava i burundi atacamira.
Kwicuza kw’abarundi, bari bavyerekaniye mu matora yo mu 2010
Amatora yo mu mwaka w’2010, kubanyagihugu bari biteguriye kwereka umugambwe CNDD-FDD ko wabahemukiye. Sibo babonye harageze kugira ngo bagaragaze akababaro kabo mu kubiyamiriza biciye mukureka gutora umugambwe CNDD-FDD, ariko vyabaye ivyubusa kuko CNDD-FDD imaze kubona ko abanyagihugu base kuyitora, baciye bahitamwo kwisinya kwiba amatora bakoresheje Ndayicariye Petero Claver. Impanuro zitarinke zaba izimirwi itandukanye y’abarundi canke abanyamahanga zaratanzwe, ariko ibihangange vyo muri CNDD-FDD, bihitamwo kwiziba amatwi.
Kubera ko CNDD-FDD yari yamaze kwimenyera igaheza ikiba amatora ikibonanya, n’imirwi itandukanye y’abarundi ntaco itakoze ngo yiyamirize amanyanga yariko arakorwa mukwiba ayo matora, haba imbere, hagati n’inyuma yayo. Imigambwe yaragize ururani bise ADC-Ikibiri, iragaragaza uko amatora yibwe, ningene amanyanga yakozwe mu kwiba amatora.
Ico gihe CNDD-FDD ntiyagarukirije kukwiba amatora gusa, ahubwo yaciye itanguza ubwicanyi budasanzwe mu gihugu. Ica yiruka kubantu bose batavugarumwe n’ubutegetsi ibayorera mu minyororo, abandi irabica. Ababangamiwe akaba ari abanywanyi b’umugambwe MSD, aba FNL n’abandi bari bamaze kwigaragaza ko badashigikiye CNDD-FDD, bakaba baciye batangura kuronderwa buhongo baraheza bicwa kubwinshi. Nayo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaciye yenyuza mu kwigungirako amatungo n’ibindi. Ari naho havuye akazina bamutaziriye ngo ”Ndimwo”. Kuko imigambi yose yashaka kugiramwo imitahe rwiwe.
Amatora yo mu mwaka wa 2015, n’ikiringo ca 3 kuri Pita Nkurunziza, Akamuna ku gihugu!
Mugihe abarundi bari bagifise ibisebe n‘ishavu ry’ivyabaye mu 2010, bari baziko uko bizogenda kose mu 2015, ibintu bizohinduka, ntibasubire kwibwa amatora ariko siko vyagenze. Naho abanyamigambwe, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique, eka mbere n’abamwe mubari mu mugambwe CNDD-FDD, bose basa nabiteguye ko ibintu bihinduka, ariko wawundi ati itavyaye inyana izohava ivyara ishuri, niko vyahavuye bigenda.
CNDD-FDD aho gutegura no gutunganya amatora meza kugira ngo abarundi bayicire urubanza rubabereye, yahisemwo gutembagaza ubutegetsi mu gusenyura amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro riyakomokako kandi arivyo vyari vyabashikanye ku butegetsi. Ica ifata ingingo yo kwemerera Petero Nkurunziza ikiringo ca gatatu atategeko na rimwe cari gikurikije.
Nayo abanyagihugu bakaba bahisemwo kurya umutima amenyo, bafatana munda bihereza amabarabara barondera kubwira umukuru w’igihugu hamwe n’izindi nzego ko batarota bemera ko ivyo abarundi ubwabo bumvikanye bashigikiwe n’amakungu bisenyurwa n’akarwi kamwe kabarundi. Mbere ivyabaye muri uyo mwaka wa 2015 bikaba bizoguma mu mitwe y’abarundi nkuko n’ivyabaye mu mwaka wa 1965,1972, 1988, 1993 bitarigera bizimangana muri kahise kigihugu c’uburundi.
Nkuko vyabonetse, umugambwe CNDD-FDD warihaye inkumbi, urasasika inganda muri abo banyagihugu bariko bariyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza. Murico gihe ibara ryaraguye, CNDD-FDD iravuba, iranka impanuro z’abantu bose, abarundi indiri barahunga abandi barapfa. Nayo igihugu kiriyugaranirako nka nyabumba, ariho havuye ibihano gushika n’ubu bikihari. Mu kudadaza CNDD-FDD yibaza ko isi itababona, ataco yobagira. Aha muribuka imyiyerekano yo kwiyamiriza aba na bariya, EU, ONU, abakoloni n’ibindi.
N’uwutorinda kuja kure, ngirango ntawutabona ingaruka ziryo bara CNDD-FDD yihaye, kuko ubu aho igihugu kigeze mu butunzi, nta nakimwe gitambuka kubera ibura ry’amafaranga y’agaciro, ubunyonyezi no kuba sindabibazwa. Nkuko yabivuze umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, igihugu carahomvye nkuko ishiramwe ry’umuntu rihomba. CNDD-FDD yarabuze ayo icira nayo imira. Umushikiranganji wa mbere ati ikibazo c’igitoro, ihi bambewe nta nyishu yaco, sosumo kugara, Brarudi igeze ahatemba, Regideso nta matara ntamazi, ntawugifise ico kuvuga mu gihugu. No gupfuma batanga imihoho vyabananiye, gutora inyinshu vyanse ntibishoboka!
Aho ibintu bigeze, abarundi bari mu bukene buzura inzara, babuze iyo bata umutwe mu gihe n’abategetsi bahevye bakemera ko ata muti w’ibibazo bihanze uburundi bafise. Bamwe n’abandi bakaba bariko baribaza inzira yo gutabarwa ariko bikabagora kuyibona ningoga.
Bamwe bati icizere kirahari ngo kuko uwudafise inasenge arisenga.
Inyuma yaho abanyagihugu bumviye leta yivugira ko itagishoboye gutora inyishu z’ibibazo abanyagihugu bafise, ikabivuga ku mugaragaro, bavuga ko haba hasigaye ko abanyagihugu bimenya bakironderera inyishu. Ababivuga bakemeza ko iyo leta yataye icizere, ikanavyiyemerera ngo abanyagihugu barayitembagaza ntakabuza kugira ngo ibintu bisubire mu buryo. Ngo nta matora barindira. Bamwe bakaba bavuga ko ikiba gisigaye ari bimwe mu gifaransa bita ”révolution”.
Kubibaza nimba vyukuri igihe co kugira revolution coba kigeze, hari abandi bamenyesha ko isaha ariyi, ngo noneho na CNDD-FDD irabizi ngo gusa irindiriye isaha n’umusi. Ngo abakera barayamaze ko atawimena igihute mu kirundi. Ngo uravye indyane ziri muri CNDD-FDD ngo zirabigaragaza, ko bataye umutwe, ngo kuko amajambo abategetsi bavuga aratuma umuntu abitahura n’ingoga.
Ikibazo kubantu basoma canke bakwirikirana amakuru ya Radio Haguruka: Ni wewe murundi uriko urasoma ibi, wewe murundi ubona uko uburundi bumeze uno musi, wewe wari umaze igihe urundiriye “révolution” ukaba ubona kw’igiye kuza vuba idasiba, uruhara rwawe n’uruhe muriyo “révolution”? Muri ico gikorwa kidasanzwe co kuduza ikivi tugana kuri “révolution” tumaze igihe turindirindiriye, wewe woba uri nyene igikorwa, woba uri umutumire w’iteka, canke uri umuvumvyi? ”N’iwibaze, wiyishure”!!
Ico nzi co ni uko ata murundi wiyubaha yohitamwo kuba umuvumvyi! Ariko amahitamwo ni ayawe! Nahejo aho bukera!
Vyanditswe na Nick.