Ibinyobwa vy’ihinguriro vya Brarudi vyoba bigiye kuboneka kurugero abarundi babikeneyeko, ko bidugijwe urugero rutari bwabeho mu Burundi ?
Ico n’ikibazo hirya no hino mu gihugu abanyagihugu bariko baribaza, inyuma yo kubona itangazo ryasohowe n’igisata kijejwe kumenyesha amakuru mw’ihinguriro Brarundi rishirahabona ibiciro bishasha bigiye gutangura gushirwa mu ngiro kuva kuri uyu wa 01 Ruheshi 2024.
Kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu itariki 01 Ruheshi 2024, hari itangazo ry’ihinguriro Brarudi, ririko riranyuragirana kumbuga hwaniro rigira riti : nduguruye twamugina « Brarudi iradugije ibiciro vy'ibinyobwa ihingura,kuva kur'uyu wa 01 Ruheshi 2024, bivuye ku kuduga kw'ikiguzi c'ivyo dukoresha mu kwenga inzoga, kuzitekera hamwe no kwiyunguruza » ndugaye twamugina.
Muri ivyo biciro bishasha, icupa rya Primus (50CL) ryavuye ku mafaranga igihumbi n’amajana atanu (1.500Frbu) rija ku mafaranga igihumbi n’amajana umunani (1800Fbu) ku muguzi. Nayo icupa rya Primus (72CL) ikaba igiye kugurwa amafaranga ibihumbi bibiri n’amajana atanu (2500Fbu) mugihe yahora igurwa amafaranga ibihumbi bibiri n’amajana abiri (2200Fbu). Amstel ndende (65CL) igiye kugurwa amafaranga ibihumbi bitatu n’amajana atanu (3500Fbu) mugihe yahora igurwa amafaranga ibihumbi bitatu (3000Fbu). N’inzoga zitambiye nazonyene ntizasigaye inyuma aho n’inkifanta n’ibindi vyahora ku mafaranga igihumbi n’amajana atanu (1500Fbu) bigiye kugurwa amafaranga igihumbi n’amajana atandatu (1600Fbu).
Tubibutse ko iryo duzwa ry’ibiciro ribaye Inyuma y'imisi itari mike hibonekeza ikena ry'ibinyobwa iryo hinguriro rya Brarudi rihingura mu gihugu cose. Mugihe rero ivyo binyobwa bidugijwe kurugero rutari bwabeho mu Burundi, abatari bake baribaza n’imba ivyo binyobwa vya Brarudi vyoba bigiye kuboneka kurugero abarundi babikeneyeko. Abandi nabo bakavuga ko barinddiriye nimba Reta y’uburundi ishobora kureke iryo hingiro rikaduza ibiciro gutyo. Gushika ubu Reta akaba ataco irashobora gushikiriza.
Vyanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.